Zimbabwe : Umusubirizi wa Robert MUGABE azokwimikwa kuri uwu wa gatanu

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 22 Munyonyo 2017 saa 04:10
14160
0 0

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Emmerson Mnangagwa azokwimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 munyonyo 2017, inyuma y’imisi itatu uwahoze atwara ico gihugu Robert Mugabe atanze imihoho. Ayo makuru tuyakesha imboneshakure y’igihugu ZBC (Zimbabwe Broadcasting Cooperation).

Emmerson Mnangagwa yitezwe ko ashobora gushika mu gihugu ca Zimbabwe nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba kw’’isaha mpuzamakungu, mu gihe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu vyavugwa ko ashika igihe c’isaha indwi.

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yahunze inyuma yo kwigirizwa n’umugore w’umukuru w’igihugu, Grace Mugabe, kw’igenekerezo rya 6 Munyonyo 2017, ko ashaka gusubirira umugabo wiwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 46.3 ko
Emmerson Mnangagwa agiye kuramutswa igihugu ca Zimbabwe

Emmerson Mnangagwa w’imyaka 75 amaze kwigizwa inyuma mu mugambwe uri ku butegetsi Zanu PF vyateye impari nyinshi bituma igisirikare arico gifata ingingo y’ukugenzura igihugu mw’ijoro ryo kuwa 14 rishira ku wa 15 munyonyo 2017.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu Robert Mugabe niwe yari umukuru w’igihugu wa mbere ashaje kw’isi akiri muri ayo mabanga. Yatanze imihoho kuri uwu wa kabiri uheze igihe inama nshingamateka yari yakoranye ishaka kumukura ku butegetsi yishimikije amategeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha