Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abagirira yegereyegere mu musigiti w’i Cairo ’bahavanywe’
Abagirira yegereyegere mu musigiti w’i Cairo ’bahavanywe’
dimanche 18 Myandagaro 2013
Inzego zishinzwe umutekano mu Misiri zavanye mu musigiti w’i Cairo abayoboke b’umugambwe wa Muslim Brotherhood bari banse kuhava.
Abashinzwe umutekano bavuga ko abantu bose bagirira yegereyegere muri uwo musigiti bahavanywe kandi ko benshi batawe muri yompi. Amasasu yumvikaniye ku musigiti wa al-Fatah inyuma yaho abayoboke Muslim Brotherhood batari bake, banse kuhava bavuga ko batinya ko umutekano wabo wohava uhungabana. Amashusho y’imboneskakure yerekanye abashinzwe umutekano barasa berekeza ku gasongero k’uwo musigiti.

Amakuru dukura kuri BBC Gahuzamiryango avuga ko, Umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza yatanze igitekerezo ryo guhagarika umugambwe wa Muslim Brotherhood biciye mu mategeko. Uyo mugambwe ukaba ubandanya usaba ko Mohammed Morsi - yavanwe k’ubutegetsi n’igisirikare mu kwezi kwa Mukakaro yobusubizwa vuba. Umugambwe wa Muslim Brotherhood kandi wasavye abayoboke bawo kugira yegereyegere buri munsi inyuma yaho abantu benshi baguye mu gikorwa c’inzego zishinzwe umutekano igihe zatera ahantu habiri abayoboke b’uyo mugambwe bari bamaze igihe bahakorera yegereyegere batahava.
Ku wa gatanu, amaraso y’abantu yarasesetse igihe igipolisi catana mu mitwe n’abari mu migumuko hagapfa abantu 173, kandi abayoboke ba Muslim Brotherhood 1000 bagatabwa muri yompi.
Aristide Nizigire