Abahinga batoye muri Tanzaniya Gaz yo mu bwoko bwa Helium

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 Ruheshi 2016 saa 03:36
Yasomwe : 28917
0 0

Abahinga bo mu gihugu c’Ubwongereza batoye gaz nyinshi yo mu bwoko bwa Helium muri Tanzaniya, aho akaba ari inyuma y’aho baheruka gutora gaz n’inzahabu.
BBC ivuga ko abakora ubushakashatsi bo mu makaminuza ya Oxford na Durham bafashanije n’abahinga muvy’ubutare bo ku gihugu ca Norvege, abo bose bakaba batoye ahari imiriyaridi 54 za metero kibe (metre cube), vy’iyo gaz, nk’uko vyamenyeshejwe n’abo bahinga.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakru mu gihugu c’Ubuyapani, abo bahinga bavuze ko ibura ry’iyo gaz (...)

Abahinga bo mu gihugu c’Ubwongereza batoye gaz nyinshi yo mu bwoko bwa Helium muri Tanzaniya, aho akaba ari inyuma y’aho baheruka gutora gaz n’inzahabu.

BBC ivuga ko abakora ubushakashatsi bo mu makaminuza ya Oxford na Durham bafashanije n’abahinga muvy’ubutare bo ku gihugu ca Norvege, abo bose bakaba batoye ahari imiriyaridi 54 za metero kibe (metre cube), vy’iyo gaz, nk’uko vyamenyeshejwe n’abo bahinga.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakru mu gihugu c’Ubuyapani, abo bahinga bavuze ko ibura ry’iyo gaz kw’isi, ryari ryateye ubwoba, na cane cane ku baganga bayikoresha mu mashini zizwi kw’izina rya " Scanners", uretse n’uko ari na nkenerwa mu bikorwa vya nucleaire hamwe no mu bundi buhinga.

Mu mwaka w’2010, hari uwaronse agashimwe kitiriwe Nobert yari yagabishije ko iyo gaz igiye guhera kw’isi.

Iryo bura ryari ryatumye abahinga basaba ko hoba amategeko yo kugabanya uko iyo gaz ikoreshwa mu bintu bidakenewe cane.

Chris Ballentine, umwe muri abo bahinga, akaba ari uwo kuri Kaminuza ya Oxford yagize ati : "Gaz twatoye muri Tanzaniya ishobora kwuzuza ibikono vya gaz imiriyoni imwe n’ibihumbi amajana abiri vy’imashini ya MRI"


Kumenyekanisha

1
Muganyizi 4-07-2016 à 21:37

Watanzania Mume Jariwa Namungu Kwakupa Ges Pamoja Na Dhahabu

2
turaje 29-06-2016 à 14:50

ntimukitiranye ibintu Tanzania ifite ubutegetsi bushikamye naho mwebwe murazira politic itahwitse kuvigihe mwaririmbiye ubutunzi bumaze kubageza kuki ?

3
jean 29-06-2016 à 09:57

Aha! Tanzania nibe iritegura kuja mu ndyane za politike kuko abashaka iyo gaz baca batangura gukoresha bamwe mu banyepolitike (batagira n’abanywanyi) n’amashirahamwe yigenga mu guteza akajagari kugira ngo ya gaz bayimbure atawubakomanga. Akarorero ntikari kure: raba Congo canke aha iwacu i Burundi.

4
KARUME 29-06-2016 à 07:55

Ikibazo n’uko ata bushakashatsi n’ubuhinga bwo kuyihingura dufise (technologie). Aho abo bongereza bayivumbuye baca basaba agahembo kangana ibice 80%. Tanzania nayo ice ironka 15%.

5
Arakaza 28-06-2016 à 22:59

Kw’izina rya "IRM"=imagerie par raisonnance magnétique aho iyo Helium ifasha gukanyisha ivyuma bisous heures. Si muri scanner

6
Nîbizi 28-06-2016 à 21:21

Afrique iratunze nuko gusa îtwagwa na banda ndende badakunda ibihugu vyabo bakunda imizeze yabo gusa

7
Kanyosha 28-06-2016 à 16:29

Ndavishimiye Africa iratunze twirinze barushimushi basesankuyoze mumisirimbere dushobora kuzobadutanga imfashanyo mubihugu vyabazungu, ariko dukunze kwononerwa nitunyagihugu twomubihugu vyacu tucaduhendwa nabarushimushi basesankuyoze ngodutanguze akajagari noneho barusahurira mudiru arinabonise barushimushi bakacabishombera ubutunzibwose biciyemwayamirwi bashiraho yoguteza akajagari noneho bakatwiba bakatugoka ninahohatuma babonako abirabure mumitweyacu hagaragara kukobabibonera iyobatubwiye kuduha ibirwanisho vyokwica benewacu babona tuvyakiriye numunezero ntangere mumisibiri bakumva turatanguye kubisuka muri benewacu, bashikibacu, mubavueyi, mibabanyi, nomibagenzi bakisekera hanyuba bakinandaniriza gutora unutunzi bwomubihugu vyanyu.

Ndashimye kurubwoburunzi bubonetse mugihugu ca Tanzania.

Ariko sinoreka kubabwirako uburundi bwosebwobwo mwiyicariye kubitunzigusa turetse amatohozayakozwe avyerekana, umuntuwese yovyibwira kuko ntakuntu ubutuni bwobabwuzuye DRC ngobwongere bwizure TZD nguburundi bicebusigarahagati butarimwo uwomutungo kavukire murumvanyene kobidashonoka.
Abarundi bamazekunimenya kobiriho ububaramaze kwiruka kwabarutuku ngobafashanye kubijagata! Ipu!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha