Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abahungu ba Hosni Moubarak bahawe umwidegemvyo
Abahungu ba Hosni Moubarak bahawe umwidegemvyo
lundi 26 Nzero 2015
Abahungu b’uwahoze arongoye igihugu ca Misiri yatembagajwe, Hosni Mubarak, barekuwe inyuma y’imyaka ine bahagarikanywe na se.

Abajejwe ibohero bavuze ko Gamal na Alaa Mubarak, bompi basanzwe ari abagwizatunga bakize, barekuwe mu masaha ya kare kuri uyu wa mbere. Mu ndwi iheze sentare yategetse ko barekurwa mu gihe harindiriwe ko urubanza rwabo ku vyaha vya ruswa, rusubirwamwo. N’ubwo bahawe umwidegemvyo , Alaa na Gamal Moubarak baracagirizwa ivyaha vyo kurya ibiturire, bakazoca bugururirwa urundi rubanza umwe wese ukwiwe , n’ubwo ibindi vyaha bagirizwa vyabakuweko.
Tubamenyeshe ko se agipfunzwe mu bitaro vya gisirikare, akaba yapfunzwe yagirizwa icaha co kunyuruza amatungo ya Reta. Ariko nawe nyene hari amakuru avuga ko ashobora gupfungurwa.
Floxella Karire