Abakoze ibitero mu Bubirigi bamenyekanye

Yanditswe na IGIHE
Kuya 23 mars 2016 saa 12:23
Yasomwe : 32814
0 0

Abagabo batatu b’Abarabu berekanwe n’ivyuma bifata amasanamu (camera) ku kibuga c’indege ca Zaventem mu Bubirigi ko aribo bateye ibisasu kuri uwu wa kabiri vyahitanye abantu benshi. Abakoze ico gitero bamenyekanye mu giporisi c’Ububirigi, bakaba kandi bari bazwi ko bakora ibikorwa bibi, ariko mu giporisi ntibigeze bibaza ko boba bafitaniye isano n’iterabwoba.
Abakoze ivyo bitero vy’ubwiyahuzi babiri biturikirijeko ibisasu ku kibuga c’indege ca Bruxelles ku musi wa kabiri, basanze ari abavukanyi (...)

Abagabo batatu b’Abarabu berekanwe n’ivyuma bifata amasanamu (camera) ku kibuga c’indege ca Zaventem mu Bubirigi ko aribo bateye ibisasu kuri uwu wa kabiri vyahitanye abantu benshi. Abakoze ico gitero bamenyekanye mu giporisi c’Ububirigi, bakaba kandi bari bazwi ko bakora ibikorwa bibi, ariko mu giporisi ntibigeze bibaza ko boba bafitaniye isano n’iterabwoba.

Abakoze ivyo bitero vy’ubwiyahuzi babiri biturikirijeko ibisasu ku kibuga c’indege ca Bruxelles ku musi wa kabiri, basanze ari abavukanyi babiri, Khalid na Brahim el-Bakraoui.
Imboneshakure ya RTBF yamenyesheje ko abo babiri bavukana bamenyekanye bitagoranye mu giporisi.

Umugabo agira gatatu yabonetse ku masanamu ya camera zinyegeje, zo ku kibuga c’indege, akaba yari kumwe n’abo babiri. Uwo agira gatatu aracaronderwa.

Ibisasu bibiri vya mbere vyaturikiye ku kibuga c’indege ca Zaventem, igisasu ca gatatu naco kikaba caturikiye aho igari ya moshi zihagarara, vyose bihitana abantu 34, abandi bagera ku 250 barakomereka.

Ubutegetsi bw’Ububirigi bwatanguje ikigandaro c’iminsi itatu.


Kumenyekanisha

1
Ferd 24-03-2016 à 10:11

Kuba Bafashw Nivyiza

2
Ba ubaza 24-03-2016 à 00:18

@Ford
" bakwiye kuja mubiganiro na Etat Islamique kuneza yabanyagihugu baco canke barungikeyo ingabo za Otan kugarukana umutekano"

Niwaba utari ubizi umurwa mukuru w’izo ngabo uvuga uri i ruhande y’aho haturikiye ico gisasu !

3
Nizeyimana 23-03-2016 à 19:48

Ni mugeze aho !! muzokwama mukora mu bikomere vyaba buze gushika ryari ??

4
INTAGOHEKA 23-03-2016 à 14:23

IBIGANIRO BIDAKUMIRA NIVYOVYONYENE BIZOGARUKANA AMAHORO IBURAYI NIMUNYARUKANE INTEKO NVAMAKUNGU MAPROBU ZIKINGIRE ABANYAGIHUGU

5
Ford 23-03-2016 à 13:02

Mbega yemwe igihugu cububirigi cananiwe no gukingira abanyagihugu baco . bakwiye kuja mubiganiro na Etat Islamique kuneza yabanyagihugu baco canke barungikeyo ingabo za Otan kugarukana umutekano

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha