Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abantu isinzi babandanya kugandarira Mandela
Abantu isinzi babandanya kugandarira Mandela
dimanche 8 Kigarama 2013
Mu gihugu ca Afrika y’Epfo ikigandaro kirabandanya, aho abanyagihugu isinzi usanga bagandagaje iruhande y’inzu y’uwo mutama i Soweto, yashengeye ku myaka 95.
Bamwe bariko bararirimba, abandi batamba mu gihe abandi usanga bafise amatara, amashurwe n’ibindi bicapo vy’amasanamu ya Nelson Mandela, bariko barasenga. Abanyagihugu baho mu gihugu ca Afrika y’Epfo rero, bakaba bashima aho uyo mutama ashengeye asize igihugu ciwe, kuko intwaro mbi za karyanishamiryango yari yarazirwanije, ndetse arashika n’aho ajanwa gupfungwa, amara imyaka 27 yose ari mw’ibuye, kandi azira ubusa. Bavuga ko Mandela yari intwari, intare y’Afrika, batazomwibagira, aho yabakuye n’aho abasize. Bavuga ko muri ico gihugu ubu atamwirabure, atan’umuzungu bose bangana, bahurira gusenga, bagahurira mw’isoko, mu nyubakwa z’uburiro nzizanziza, ivyo vyose bati ni Mandela.

Ingori z’amashurwe zitoharurwa, zikaba nazo zashizwe ku rugo rwiwe i Johannesburg, aho ndetse yanaguye, mu gihe n’umuryango wiwe ariho wari. Umukuru w’igihugu rero, akaba yasavye abanyamigambwe gushira hirya ibibatandukanya, mu ntumbero yo gusezera neza, umutama babuze batanka.

Nayo umuryango wa Nelson Mandela, ukaba unezerejwe n’ukuntu abantu bawitayeho muri iki gihe bari mu mubabaro. Bavuga ko isi yose yaberetse ko barikumwe nabo muri iki gihe bari mu kigandaro, eka ndetse n’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika akaba yarahamagaye kw’iterefone Graca Mashel, umutambukanyi wa Mandela, amusaba kwihangana, ndetse anamushimira ku gihe bari bamaranye, eka n’ukuntu yamurwaje iminsi yose yamaze amagara aza aramukika.




Mariella Bukuru