IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu bashobora kwimukira muri (...)

Abarwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu bashobora kwimukira muri Afrika

mercredi 22 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu ushobora kwimurira ibirindiro vyawo ku mugabane wa Afirika, cane cane mu bihugu birangwamwo intambara n’intwaro zigoyagoya, mu gihe wokwirukanwa muri Iraki na Siriya.

Nk’uko vyashikiirjwe na Lieutenant-Général Thomas Waldhauser, umusirikare wa Amerika aheruka kugenwa kugira arongore abasirikare ba Amerika bari muri Afrika, mu gihe yariko agirana ikiganiro n’umurwi w’abakenguzamateka ba Amerika bakurikirana ivy’intambara, yamenyesheje ko kubona mu bihugu bitari bike vya Afirika hari intambara, bishobora kworohera umuhari wa Reta ya Kiyisilamu kuvogera Afrika bitawugoye.

JPEG - 18.8 ko
Lieutenant-Général Thomas Waldhauser, umusirikare wa Amerika aheruka kugenwa kugira arongore abasirikare ba Amerika bari muri Afrika

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko umukenguzamateka Angus King aserukira Reta ya Maine mu nama nkenguzamateka ya Amerika, yamenyesheje ko ikindi gishobora gutuma uwo muhari woroherwa kuvogera muri Afrika ari ibiturire vyirayeyo, hamwe n’ubutunzi budatera imbere.

Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu uza waramaze gushinga ibirindiro muri Libiya no mu bihugu vyo muri Afrika y’uburengero, aho ukorana na Boko Haram.

JPEG - 947 ko
Bamwe mu barwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu

Lieutenant-Général Thomas Waldhauser yamenyesheje ko hakenewe kwongerezwa ibikorwa vy’iperereza, gucungera no kugendereza abarwanyi b’uwo muhari muri Libiya no mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira bawukurikiranire hafi.


IGIHE

Messages

  • MURI AFRICA NIBAZA TUZOBAMARA NIBAGEND BABAZ ABA SHABABU BAZOBABWIRA UKUNTU VYAGENZ!

  • Nimumfashe mumbarire konamwe mwobamwarunvise iyinkuru ngomba kubabwira:
    Ngo ubulaya bwashatse kuva inyuma yogukomeza gushigikira babagabo babarundi/Sindumuja/Mujeri, ngihanyuma bacabavugango mutadushikanye kucomwatwemereye ngituzoca tubahindukirira ngomugukorana nayamitwe yabihevyi ngomurazi kotutazobura abo tuzana babarundi tukaba presanta kuriyomitwe yabihevyi ikacayenera gukorana natwe. Nukwo ngu Bulaya bucabubenerera ko nubwobutoca mujubashikiriza uburundi ngotuzorondera iyindinzira yotuma musubira mugihugu mwubashwe, ariko bemeye vyanabinabi nawurazi nkumuntu abayaremeye agata ubukuru bwinama nshingamateka agata ubushikiranganji yizeyeko ugiyekumushira aharengeye akumva nguzomuronderera ujwataha mucubahiro gusa acabonako bahenzwe.
    Ariko rero bibazako nubwobazotaha mucubahiro ko vyasebikunze imiryango bahekuye ruzohigura bakabashira ahobashize ababo.
    Ngorero ngubu bariko barakorana amasezerano nimitwe yabihevyi ngomaze ubuzimabwabo burangirire mwivyo vyubwihevyi.
    Nguwomurwi wabihevyi uzokorera muri Africa ngwicicarocawo kizobakiri mubiyaga binini ngokandi bazowutanguza aruko Kagame bamugize nka Nkurunziza bakamufatira ibihano bakamuteza abamurwanya ngokuko murwangaho ngwazobamezimake yogutekeza Kagame ngoniho azocatanguza uwomurwi wabihevyi azonabera kizigeza ngokuko ariwe afise amahera, bitegekanijwereroko mumpera yumwaka 2017 abari abakunzi ba Kagame bazotangura kumwanka urunuka.

  • Ngwaba Sinahead baherutse kubwira ababafasha bomubihugu vyomu bulaya ngo mugihe bohagarika kubafasha ngobashikire ivyobabemereye ngobazoca bifatikanya niyomirwi yabohevyi barwanye abihugu bogize uburaya ngokandi bazocabatanguza umurwiwivyihebe muri Africa uzobufise icicaro mubihuguvyo mubiyaga binini nguwomurwi ukazobuzocutangura mumwaka 2017 mumpera zawo ibihugu vya bulaya bimazegufatira ibihano Kagame ngokuko vyavuze ngo bitamugize nkakurunziza ngovyobonekana nabi mubindibihugu bigiZe Isi, nguwomurwiwabihevyirero nguzocurongorwa nakagame ngokuko abanurwanya bazobabamutekeje mu tango zumwaka 2018

  • BANTU BIMANA NIMUJE KUMAVI DUSENGE IYAREMYE IJURU NISI IKINGE IZODAYIMONI NKUKO UWOMUSODA YABIVUZE BOKWOROHEGWA CANE NKABATEGETSI BACU MUKURYA IGITURIRE NTIBAZOBOROHEREZA KUGIRA BUBAK AMA ETAGE ARIKO YESU YADUPFIRIY AZODUTSINDIRA AKOKABI

  • BANTU BIMANA NIMUJE KUMAVI DUSENGE IYAREMYE IJURU NISI IKINGE IZODAYIMONI NKUKO UWOMUSODA YABIVUZE BOKWOROHEGWA CANE NKABATEGETSI BACU MUKURYA IGITURIRE NTIBAZOBOROHEREZA KUGIRA BUBAK AMA ETAGE ARIKO YESU YADUPFIRIY AZODUTSINDIRA AKOKABI

  • Nibareke kubesha kuko iyo ivyo bihugu rutura kwisi birimubibazo vyubukungu ntababura ivyo birondeza muri africa kugira babesher imihari yiterabwoba africa twaragowe pe!!!!

  • Bareke Baze Bibazango Muri Africa Ngonitwe Tworoshe.Turonderaamahoro Nab Bakaz Kuyahungabnya. Nibamarane Ben Kur Ben Ntibangnya Ubwenge.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.