Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba M23 batswe igisagara ca Kibumba
Abarwanyi ba M23 batswe igisagara ca Kibumba
dimanche 27 Gitugutu 2013
Igisirikare co muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kivuga ko casubiranye igisagara ca Kibumba, inyuma yo kuhirukana abarwanyi b’umurwi M23. Umuvugizi w’igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi yavuze ko abarwanyi ba M23 basubiye inyuma berekeza mu turere bagifise mu minwe.
Kuva kuri uyu wa 25 Gitugutu, imirwano hagati y’abasirikare b’igihugu ca Kongo giharanira intwaro rusangi n’abarwanyi b’umurwi M23 ni urutavanako. Iyindi mirwano yadutse ku birometero gusa 70 vy’igisagara ca Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’Uburaruko.

Abarwanyi b’umurwi M23 rero bakaba basa n’abasubiye inyuma, kuva aho ejo ku wa gatandatu, igenekerezo rya 26 Gitugutu, abasirikare b’igihugu bamenyeshereje ko bafashe igisagara ca Kibumba. Ico gisagara ca Kibumba rero kikaba kiri ku birometero 20 gusa vy’Uburaruko bwa Goma. Umuhari wa M23 ukaba wabaye bwigizwe inyuma rwose, ku birometero bitari bike mu Buraruko, mu burere ugifise mu minwe. Ico gisagara ca Kibumba, kikaba ari igisagara c’Ubudandaji, kiri hafi y’urubibe igihugu ca Kongo gihana n’Urwanda.
Imirwano reo ikaba yari ikomeye, ndetse ibikoho bikomakomeye akaba arivyo vyasirana kuva mu gatondo k’ejo ku munsi wa gatandatu. Naho ubu ibintu bisa n’ivyacureshe, ababikurikiranira hagufi, bavuga ko akanya n’akanya abarwanyi ba M23 bashobora kugarauka, canke abasirikare b’igihugu bakabasanga aho bari, maze imirwano igakomera.
Aristide Nizigire
Messages
27 Gitugutu 2013, 15:23, par marc
Hababarwanyi! nibabyara ba .Fdrl. abanyafrica mwagiye murangiza ibibazo hatavutse induru, intambala, ndabona bakomakomeye.
28 Gitugutu 2013, 15:53, par kavumbu
Hababaturanyi bibundi badushaka iki? harimpunzi yumurwanda iba kubutaka bwanyu? abarundi bahungiye irwanda kuva 1972 barahakora iki? mudushako iki? ntago urwanda aramateke yanyu. ntanubwa arimbehe zanyu muriraho
28 Gitugutu 2013, 15:58, par ntakar
mwabakenyezimwe! bashingantahe. igifaransa kinzinya kurwanda. muvuge ibyiwanyu iburundi?