Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba M23 n’abasirikare ba Reta ya Kongo basubiriye gutana mu (...)
Abarwanyi ba M23 n’abasirikare ba Reta ya Kongo basubiriye gutana mu mitwe
lundi 4 Munyonyo 2013
Amakuru ariko aravugwa ubu amenyesha ko abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, babifashijwemwo n’abasirikare ba ONU bariko bararwanya M23 mu gace ka nyuma kinyegejwemwo abo bawanyi, hafi y’urubibe Urwanda na Uganda bihana.
Igisirikare ca Reta kivuga ko cafashe agace ka Mbuzi, kamwe muri dutatu twari dusigaranywe na M23.

Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu kiganiro yagiranye na BBC, amenyesha ko abona basa n’abahejeje kwirukana ab barwanyi, ko abasigaye ari intagondwa zitinya kuzokurikiranwa kubera ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu bakoze. Kubwa Lambert Mende, abo bagisigaye ni abobona ataco bafise batakaza.
Kubw’umukuru wa M23, Reta niyo yanse gutera umukono ku masezerano y’i Kampala. Bertand Bisimwa, umukuru wa M23 ati : "Ku munsi wa gatandatu i Kampala batubajije namba twiteguye gutera umukono ku mpapuro z’amasezerano, tuvuga ko twiteguye, ariko Reta yo yavuze ko itari yiteguye kuri uwo munsi. Ntituzi rero impamvu Reta idashaka gutera umukono kuri ayo masezerano.
Amakuru ava muri ako karere kakirimwo abarwanyi ba M23 amenyesha ko hariko harumvikana ibisasu ku ruhande rwa M23, bigasa n’aho izo ntagondwa ziriko ziragerageza gusubirana ikicaro cazo, abasirikare ba Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bari bafashe.

Twobibutsa ko ku munsi w’ejo, umukuru w’abarwanyi ba M23 ku rwego rwa poritike, Bertrand Bisimwa, yari yamenyesheje ko abarwanyi ayoboye bahagaritse ingwano.
Yasabye abarwanyi bose b’uwo muhari guca bahagarika ingwano kugira ibiganiro vy’amahoro bishobore kubandanya mu gisagara ca Kampala muri Uganda.
Egide Nduwimana
Messages
16 Munyonyo 2013, 13:20, par kantu mbembe kivu uvila kakugwe
Sasa kongo hinatakahamani hahohinataka hamanimudogo mimisijahelewa hatakidogo kabila husiyonehuko kishasa niweye shofeli wawa kongomaniwote kweli kabila tunatakahamani kwakweli kivunimajafuko tukwendambele wanahijinjowanateseka bilahatiya mimi nikisikiyavita napitanasikiya wakatiyamobutunakabila baba njowameletahubaguzi yahukabila jumimi sikuwayi kusikiyamambokamahayo hivitembeya kongozima kamahunafanana mutusi hunakuwahahunahamani mimi nikomukongomani mama nimutusi warwanda hameholewa 1930 kaholewakongo hivi njomana mimi kama m23 hinatakawa kongomaniwawekitukimoja kusikuwehubaguzi nikonahobegakwabega nakama wakonakagame mimi sikonaweyewe nakamanihaki yawa kongoma ni siyomasilahiyahonawahugamukono m23 kongonahipendasana nahubaguzi bbc tuhuliziye wazungu wameletahubaguzi kongo hutahishalini nahuliza kwakweli yanijutu mehika myaka 30 hatunamatatizohahonihaje nahuliza kuhulizanjokujuwa kubazabitelakumenya nimengininayo moyonimwangu