IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika: Imbere si heza mu vyerekeye ubutunzi

Afrika: Imbere si heza mu vyerekeye ubutunzi

mercredi 28 Nzero 2015

Icegeranyo gishasha cagabishije ko amafaranga ashobora gutakaza agaciro muri Afrika yo munsi y’ubugaragwa bwa Sahara.

Ico cegeranyo kivuga ko ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga hamwe n’ukwiyongera kw’myenda y’ama Reta arivyo bigeramiye ubutunzi bwa Afrika. Ikigo kijejwe iterambere mu makungu gifise icicaro mu gisagara ca Londres mu bwongereza, kivuga ko ukuntu ubutunzi bwifashe muri ako karere ka Afrika, bisa nk’ivyateje agahombo gakomeye ku masoko y’imitahe mu bihugu biri mu nzira y’amajambere mu myaka y’1990.

Ico cegeranyo cagiriza ama Reta amwe, nk’iya Ghana, kuba yunyura ikibazo mu gukoresha amafaranga y’imyenda, mu kwongera imishahara abakozi.

Igihugu ca Nigeria, gitunze kurusha ibindi muri ako karere, cahuye n’ikibazo c’ugukoroka kw’agaciro k’ifaranga ryaco bitewe n’igabanuka ry’igiciro c’ibitoro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.