Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Amacakubiri yasubiye kwibonekeza
Afrika y’Epfo : Amacakubiri yasubiye kwibonekeza
lundi 23 Ruhuhuma 2015
Muri Afrika y’Epfo hasubiye kwibonekeza amacakubiri, aho umuyobozi w’umwirabure yagenywe kurongora ishure abavyeyi n’abanyeshure baramwanka.
Kw’ishure rito ryitwa Roodepoort, igenwa ry’umuyobozi mushasha w’umwirabure ryatumye igice c’abanyeshure hamwe n’abavyeyi babo bamwiyamiriza. Abo bamwiyamiriza, bakavuga ko atavyo ashoboye. Ariko ababikurikiranira hagufi, baremeza ko uwo muyobozi azira ko ari umwirabure, mu gihe abo bamwiyamiriza ahanini bagizwe n’abazungu hamwe n’abavanze . Mu matohoza yagizwe n’ubushikiranganji bw’indero, bavuga ko, uko kwiyamiriza uwo mupfasoni kugira arongore iryo shure bifise iyindi ntumbero.
Eka no mw’ishirahamwe ry’abarezi ba Roodepoort bakaba batera ivyatsi iyo ngendo y’abo bavyeyi hamwe n’abana babo. Mukamenya ko haciye hatumwako n’inama yihuta kugira ico kibazo kive mu nzira, abana bareke kugumizwa imuhira, babandanye biga.
Aristide Nizigire
Messages
23 Ruhuhuma 2015, 17:38, par SIHONDI
PACIFIC NGIRA YABISOMYE; nabandanye avyonga abarundi bazomwereka
24 Ruhuhuma 2015, 12:54, par BIZI
Ntibizopfa biheze akari munka niko kari muntama ntimurarame ngo vyareheze uwufise amatwi niyumve •
24 Ruhuhuma 2015, 22:51, par Nuwera
Birashoboka akabaramacakubiri canke kikaba arikindikintu cabitumye, ngagarero Burundi duhangayikishijwe namacakubiri yokwanka uwowese yitwa umu cnsdfdd nuwitwako arincutiyiwe, urumututsi womuri CNDDFDD ukaramukubonye umututsi womuyindimigabwe imwimwe ntavuzangaha aragutoteza akakwambura nagashamara ukazakugasubizwako wanashaka abomubwoko bwabahuntu bomuri CNDDFDD canke abandibantubomuyindimigambwe ifitaniye ubucuti na CNDDFDD numuhutunukwo ashoborakwambikwa ibara nabahutunkawe agatabarwa nabamwe mubatutsi.
25 Ruhuhuma 2015, 12:20, par mukobwajana
PACIFIC AVYONZE BANDE NIYO MUHINDURA IKIRUNDI NUBURUNDI!!!INDIMI ZANYU NI AMAFUTI GUSA ..KUKO AVUGA UKURI NGO AKOZE MU JISHO DD !!!EREGA IGIHUGU NI ICA TWESE MWEBWE MWIGIRA IMFYISI!!!!