Mu gihe yariko ashikiriza ijambo abashingamateka ba Afrika y’epfo, mu bijanye n’imigambi afitiye igihugu muri uwu mwaka w’2016, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA, inyuma y’amasegonda mirongo itatu gusa atanguye, yaciriwe mw’ijambo n’abashingamateka batavuga rumwe nawe. Habaye akajagari gakomeye mu nama nshingamateka ya Afrika y’epfo ku mugoroba wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016.
Umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yari yatumiwe mu nama nshingamateka ya Afrika y’epfo, kugira ashikirize ivyo ategekanya gukorera igihugu arongoye, muri uwu mwaka w’2016. Agitangura gushikiriza ijambo ryiwe, abashingamateka bakomoka mu migambwe itavuga rumwe nawe baciye batangura kumucira mw’ijambo, bavuza urwamo rurenga, mu nyuma mbere baca barasohoka iyo ngoro y’inama nshingamateka.
- Umukuru w’igihugu Jacob ZUMA
Abashingamateka bakomoka mu mugambwe Economic Freedom Fighters wa Julius Malema bari babanje gusaba umukuru w’inama nshingamateka kubumviriza, ibitashobotse, ari nakwo guca nabo bacira mw’ijambo umukuru w’igihugu.
Imbere y’inyubakwa y’inama nshingamateka ya Afrika y’epfo, hari hakoraniye abanyagihugu bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza igiturire bavuga ko cimonogoje muri Reta, hamwe n’amafaranga ya Reta yakoreshejwe n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma mu gusubiramwo inzu yiwe bwite.
Icegeranyo c’ubugenduzi bw’ubutunzi bwa Reta cerekanye ko mu mwaka w’2014, Jacob ZUMA yakoresheje amafaranga ya Reta mu gutunganya iyo nyubako yiwe bwite, ivyo abatavuga rumwe nawe babonyemwo ubunyonyezi hamwe n’ugusesagura amatunga ya Reta, arikwo guca bashingisha urubanza muri sentare.
Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo vyashize ahabona, umukuru w’igihugu Jacob Zuma yamenyesheje ko yipfuza gusozera ivyo bibazo mu mahoro, asaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta ko yomubwira igitigiri c’amafaranga ategerezwa gusubiza mu kigega.
N’aho umukuru w’igihugu Jacob Zuma yemeye gusubiza mu kigega ca Reta ayo mafaranga, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe nka Democratic Alliance (DA) na Economic Freedom Fighters wa Julius Malema, yabandanije kumenyesha ko izobandanya kwitura ubutungane.
Imigambwe itavuga rumwe na ANC wa Jacob ZUMA, yamenyesheje ko naho yosubiza ayo mafaranga, urubanza rwashingishijwe ruzobandanya kuburanishwa.
egooo,ntiyirigwe aragorana naho yoyariha ategerezwa kubandanya akurikiranwa n’ubutungane,kugira umunyagihugu wese atunganirizwe,