IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu Jocob Zuma yasabwe gutanga imihoho

Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu Jocob Zuma yasabwe gutanga imihoho

mercredi 16 Kigarama 2015

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Kigarama, mu gihugu ca Afrika y’Epfo harateganijwe imyiyerekano isaba umukuru w’igihugu Jacob Zuma gutanga imihoho mu kibanza c’umukuru w’ ;igihugu.

Jacob Zuma avugwako vyinshi , inyuma yo guhindura umushikiranganji w’ubutunzi incuro zibiri mu ndwi imwe gusa,bikaba vyatumye ifaranga ry’igihugu rita agaciro ndetse n’ibintu kw’isoko birahindagura ibiciro.

Iradiyo y’abafaransa RFI ivuga ko imyiyerekano yitezwe mu gisagara ca Johannesburg, Pretoria, Port Elizabeth, Capetown n’ahandi, nk’uko vyasabwe n’amashirahamwe ategamiye Reta.

Ayo mashirahamwe yagiriza Jacob Zuma gushira mu kangaratete ubutunzi bw’igihugu,afise intumbero yo gushika ku nyungu ziwe gusa,kuva agenye umushikiranganji amwegereye ariko atazwi cane ku rubuga rwa politike.

Ico ciyumviro catangujwe n’abatavuga rumwe na Reta bari kumwe n’amashirahamwe ategamiye Reta,ariko aho bigeze ubu hari abandi bakomeye bava mu mugambwe uri ku butegetsi ANC bamaze kuvyinjiramwo.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.