Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : umukinyi w’umurwi Bafana Bafana yaragandaguwe
Afrika y’epfo : umukinyi w’umurwi Bafana Bafana yaragandaguwe
mardi 28 Gitugutu 2014
Senzo Meyiwa niryo zina ry’iwe. Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru AFP, uwo mukinyi w’umupira w’amaguru yishwe n’umusuma kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Gitugutu, igihe yari yagendeye umwe mu bagenzi b’iwe b’i Johannesburg. Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma akamenyesha ko ababajwe cane n’urwo rupfu.
Yarasanzwe asamira umurwi w’umupira w’amaguru uzwi cane wo muri Afrika y’epfo witwa Bafana Bafana, akaba yarafise gusa imyaka 27 y’amavuko. Yarasanzwe kandi kandi asamira uwundi mugwi ukomeye cane mu gisagara ca Johannesburg muri Afika y’epfo witwa Orlando Pirates. " Nta majambo noronka mvuga yoshobora kwerekana umubabaro igihugu cacu gifise kubera uwu muntu wacu tubuze. " Ibi nivyavuzwe na Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo.

Umukuru w’ico gihugu yaciye asaba inzego z’igipolisi ko zokora uko zishoboye kwose kugira abagandaguhye uwo muyabaga bafatwe.