IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umurundi umwe niwe yakomerekeye mu migumuko

Afrika y’Epfo : Umurundi umwe niwe yakomerekeye mu migumuko

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Umurundi umwe niwe yakomerekeye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, imyuma y’aho habereye isekeza ryo kwica, no gutoteza abanyamahanaga baba muri ico gihugu.

Umwami w’ubwoko bw’aba zoulou Goodwill Zwelithini

Nk’uko bivugwa n’umwe mu barundi baba muri ico gihugu, igiporisi ca Afrika y’Epfo cararengewe n’ubwo bwicanyi, aho abanyagihugu bo muri ico gihugu bumviye ivyo bari batumwe n’umwami w’ubwoko bw’aba zoulou Goodwill Zwelithini, kwomora abo bose b’abanyamahanga baba muri ico gihugu. Abantu indwi rero nibo bivugwa ko bapfuye urw’agashinyaguro, abandi bantu batari bake barata barahunga, mu gihe hari n’abasubiye mu bihugu vyabo.

Ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu c’Afrika y’Epfrika y’Epfo bukaba bwarahumurije abarundi baba muri ico gihugu, nk’uko aya makuru tuyakesha bamwe mu barundi baba i Durban muri Afrika y’Epfo. Kugeza ubu rero, igisirikare n’igiporisi bikaba bikora ijoro n’umutaga mu gufata abo bose bakoze ayo marorerwa, yo kwica abanyamahanga. Abarenga icumi, baramaze gufatwa, bashikirizwa inzego z’umutekano.

Tukabamenyesha ko, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo ategekanya kubonana n’abanyamahanga baba muri ico gihugu, abaserukira abandi bahaba. Bikavugwa ko n’umukuru w’igihugu ca Mozambique yoba ahava aja muri ico gihugu, kuremesha abo mu gihugu ciwe bahungiye hagati mu gihugu ca Afrika y’Epfo kubera imvo z’umutekano muke wabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.