Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akinwumi Adesina yatowe kurongora ibanki ya Afrika ijejwe itarambere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Akinwumi Adesina yatowe kurongora ibanki ya Afrika ijejwe itarambere (...)

Akinwumi Adesina yatowe kurongora ibanki ya Afrika ijejwe itarambere BAD

vendredi 29 Rusama 2015

Akinwumi Adesina niwe yatowe ngo arongora Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD,mu matora yabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Cote D’ivoire kuwa kane igenekrezo rya 28 Rusama.

Akinwumi Adesina avuka mu gihugu ca Nijeriya afise imyaka 55 y’amavuka,yatowe ku majwi 58,10 kw’ijana mu gihe uwamukurikiye ava mu gihugu ca Tchad Bedoumra Kordjé yaronse amajwi 30 kw’ijana.

Itorwa ryiwe mu kurongora Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD, ryatangajwe n’umukuru w’inama y’abayobozi b’amabanki Albert Mabri Touikeusse.Ayo matora yabaye mu mutekano nta ngere kandi ata kanenge.

Mw’ijambo ryiwe,umukuru mushasha w’Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere yarashimiye uwo agiye gusubirira,umunyarwanda Donald Kaberuka,akaba yarashimiye umushikiranganji w’ubutunzi muri Nijeriya Ngozi Okonjo-Iweala yamushigikiye mu gihe cose c’imbere y’uko atorwa.

Bitegekanijwe ko Akinwumi Adesina azoshikira amabanga ku mugaragaro mu kwezi kw’9 kuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.