Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Abakobwa bo kw’ishure rya Chibok bagizwe imbohe berekanwe ari bazima
Yanditswe taliki ya 14-04-2016 - isaha 09:21' na IGIHE

Amasanamu yashizwe ahabona n’abarwanyi ba kiyisilamu ba Boko Haram muri Nigeriya yerekana benshi mu bana b’abakobwa bagizwe imbohe bakuwe kw’ishure rya Chibok, bakiri bazima.

Ayo masanamu asa n’ayafashwe mu kwezi kwa 12, arungikirwa Reta ya Nigeriya, akerekana abakobwa 15 mu makanzu yirabura, bivuga nk’abanyeshuru bafashwe bagirwa imbohe bakuwe kw’ishure bigako.

Bamwe muri abo bari kuri ayo masanamu bamenywe n’abavyeyi babo.
Ni amasanamu ya mbere abonetse y’abo bakobwa kuva mu kwezi kwa Gatanu 2014.

Ifatwa ry’abakobwa 276 ryabaye imbarutso y’ibikorwa vyo kwiyamiriza ibikorwa vya Boko Haram, aho ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye kw’isi yose hatangujwe isekeza bise #BringbBackOurGirls", bisigura : Garukana Abakobwa Bacu. Na Michelle Obama, umugore w’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari mubagize uruhara muri iryo sekeza, hamwe n’abandi bantu b’ibihangange kw’isi yose, naho abo bakobwa bataragarukanwa gushika ubu.

Ivyiyumviro vyanyu

erega si boco haramu gusa inyuruza abantu harikindi gisa naco kirongowe na bernard maingain citwaCNRD kinyuruza abantu mugwanda nukukiraba neza !

14.04.2016 à 17:36
gwasa

Birababaje Kubona Abana Barenga 270 Bakurwa Mumashure Bakajanwa Atacamira None Ntagiporisi Muri Cogihugu Gihari ? Nibagiranir Ibiganir Barakure Abobana Binzirakarengane Babandanye Amashure

14.04.2016 à 12:01
Papias Nzambimana

Birababaje Kubona Barenga 270 Bakurwa Mumashura Bakajanwa Atacamira

14.04.2016 à 11:58
Papias Nzambimana

nakumiro ahubwo babagize abagore babo

14.04.2016 à 10:05
kati kati eym

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.