Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Amatora y’ugusubiriza Dlamini ZUMA yananiranye
Yanditswe taliki ya 18-07-2016 - isaha 14:13' na IGIHE

Mu nama ya 27 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika iriko ibera i Kigali, habuze umukandida n’umwe muri batatu bari bahanganye, yuzuza bibiri vya gatatu bikenerwa kugira umukandida yemererwe kuyobora Komisiyo y’Umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Ni amatora yabereye mu mwiherero kuri uwu wa mbere, akaba yari agamije gusubiriza Dlamini Zuma yahejeje ikiringo ciwe c’imyaka ine, ariko mu bahiganwe Dlamini Zuma akaba atarimwo, kuko atasubiriye kwitoza.

Abahiganwe bagizwe na Dr Pelonomi Venson-Moitoi w’imyaka 64, akaba ari umushikiranganji w’imigenderanire ya Botswana n’ayandi makungu, Dr Specioza Naigaga Wandira Kazibwe w’imyaka 61, yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu ca Uganda, hamwe na Agapito Mba Mokuy w’imyaka 51, akaba ari umushikiranganji w’imigenderanire ya Guinee Equatoriale n’ayandi makungu.

Amategeko avuga ko kugira umukandida atahukane intsinzi, bisaba amajwi angana na bibiri vya gatatu vy’ibihugu 54 bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bikumvikana ko uwari gutorwa yategerezwa kuba n’imiburiburi yaronse amajwi 36, ariko mu ncuro abakuru b’ibihugu bagerageje kuri uwu wa mbere, habuze n’umwe mu bakandida ashikana ayo majwi.

Bitegekanijwe ko ayandi matora azoba mu kwezi kwa Nzero 2017, akazobera i Addis Ababa muri Ethiopie ku cicaro gikuru c’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Ivyiyumviro vyanyu

NIBABANZE BABITEGURE NEZA.BIRABONEKA NEZA KO HARIMO UKUTUMVIKANA.ARABAKURU B’IBIHUGU BIKABANANIRA !

21.07.2016 à 10:01
LEONCE

Muraraba neza abo NWARI yashize ku rutonde rw’abotwara UA usanga bari ku rutonde rw’abagiye kwicwa ! "Sindumuja" ni mujeri ku manyanga ! Ninde ari umuja ?

20.07.2016 à 07:54
NKUNDURWANDA

IVYARIVYO VYOSE BIRUMVIKANA KO ATAWARABISHOBOYE ARIMWO !!!

19.07.2016 à 19:14
N. R. N.

nyeni cubahiro umwami wiburundi petero nkurunziza niwe ashoboye gutwara aflica yose !!! akayinyiganza bareba.sha !! hazohava hatogwa uwutariwe.imana ihezagire /nyeni cubahiro natwebwe a bo arezemurakoz.

19.07.2016 à 13:47
habiy joë l

Nibareke dlamini zuma agumeho kuko niwe ushoboye guhangana niliya njiji ngo ni nkurumbi. ... kuko na nkurumbi yarazi ko zuma amukize none baracyali kumwe.

19.07.2016 à 07:09
Lili

Barundi barundikazi rwaruka namwe ncuti zabarundi ndabaramukije nti nimugire amahoro atangwa n’Imana.

Kuruyumwanya mpejeje kumenyako ibihugu canke abantu kugatwekabo niyemeje ngoguha uburyobwose bushoboka abacangero barikobararonderwa nabayoboke ba sinared , ariko ubwoburyo bakababahisemwo ko gushikira kwa president wu Rwanda noneho akabariho buzaburava babushikiriza abacangero.
Abobacangero bazakubabarwiriyemwo abarundi, hakabamwo naba nyamurenye, hakabamwo nabanyarwanda. Abarundi barimurwandabo basidukanye niyonka mugabo ngwamatwi ansumira ngo babonye hakoboguma bitwa impunzizahungiye Rwanda ngobopfuma berekana kobagiye kurugamba ngononeho nibashika kurugamba icobazokora ngonukumanika amaboko ngononeho bashirwe mubukasho bwomu Burundi ngobibaza kobizosumba mubuhungiro barimwo bwokundashobora nokwumviriza radio ushatse (amakuru)

Icatumye ivyobihugu nabobantu bipfuza guteza abantu kwiyahura mwakokagene ngobashaka ko nibatera bakica abantu ngobazoce bavuga ngo leta yuburundi twaritwakayibwiye kera iranka ngonone nimurabe ibara riruhiye kurwa.
Sinorangiza ntababwiyeko impunzi nyishi zitashaka kuja mwubwobwihevyi canecane impunzi ziri TZD ariko ubu bamwe bitwa sinared baciye bashiraho umurwi uzurarasa inkoho burijoro , ninkambi yaba congomani yahora atamasasu avugiramwo ubunaho amasasu yirirwa araririmba mbese mumisi barahava bakuramwo abarundi baribayibamwo.
Nobabwirako abarundi iyobahungiye bamerewe nabi bimwe bitaribwigere biba kumpunzi .
Kera impunzi yarabona umukozi wa HCR ikamenya kwibonye umugiraneza none ngubu abitwa abakozi ba HCR nibobigisha impuzu ngozije kurwanya leta yuburundi.
Nizereko abajwe umutekano biburundi kobatagiye gukangwa nututugiye kubibisukako twahenzwe ngotujekwica abantu ngohanyuma abashaka gukamisha amaraso ngobarebe kobitera intambwe.

19.07.2016 à 02:35
Kezakabasore Gako.

Umugabo ahunga abandi ninde yomutora yotorwa ni mburabwenge gusa,ngumunyakibi ahunga atakimwirukanye.

19.07.2016 à 01:21
Morodikayi Jon

Mwahomvy Nkuru Atagiy Ereg Amatora Aribwa Ubusuma Com

19.07.2016 à 00:13
Kubwimana

Ndabarahiye uwuoja mwicokibanza ni Kikwett yahoze arumukuru wigihugu ca TZ.
Uyundi abishoboye ni umwe murababakurikira :
Pascal Nyabenda :
Gelase Ndabirabe, Edouardo Nduwimana yahose arumuahukiranganji wintwaro yohagatimugihugu cu Burundi,
Agathon Rwasa,
Will Nyamitwe,
Jack Bigirimana,
Concillie Nibigira, etc.
TUBUYE BURUNDI
Twocatuvuga umunyarwanda yitwa’
Sherge Ndayizeye akorera kuri radio yitwa Itahuka ikinzegusamiranira Washington DC.

18.07.2016 à 23:06
Nwari

Hhhh azitoze muri fifa nibyo ashoboye gusa naho politik yo ntayoyiyiziye uretse kumena amaraso gusa

18.07.2016 à 21:46
yvan

Nibahashire Umurundi abanze akubure inzonyankaAfrika z’abazungu, batahe iwabo Afika yikukire,amaraso y’Abakuru b’ibihugu bo muri Afrika hamwe n’Abanyafrika atabandanya guseseka. Incungu za Afrika zishwe n’abo bazungu, turorera, Izindi ntwari nka Kaddafi, Ndadaye, Ntararyamira, Havyarimana...bishwe nizonyankaAfrika turorera kandi UA iriho.

Harageze ko Afrika yikukira kandi ikeneye abantu nka ba Nkurunziza bubahuka bakabwira abakoroni baba Abanyafrika ubwabo canke abazungu ati "oya geza aho".

18.07.2016 à 21:25
Simvura

Karahara muruganda ntibacura no mukwambere Peter Nkurunziza atabonetse ntibazotora bange ngo ntidutora uwari gutanguza igisabisho c amatora adahari ...

18.07.2016 à 19:26
Dkey

VYAGENZE UKO KUKO CA KIBANDI GISUMA KIKAMBURA MBERE KIKICA KITARIMWO. IBARA RYARI KURWA.

18.07.2016 à 18:34
WEMBE

REGA NTIVYAKUNDA KUKO HARI HABUZE KIZIGENZA PETERO NKURUNZIZA MURI AFRICA RERO NTIVYAKUNDA NAGATO KUKO NTAKORANIRO YUGWANDA NTIVYASHOBOKA NAGATO

18.07.2016 à 17:59
willynshimirimana

IYO NYAKUBAHWA NKURUNZIZA ABARIMWO NTIVYANKA KUKO NUMUGABO WIJUNJA NIJAMBO KANATSINDA KARAHARA MURUGANDA NTIBACURA

18.07.2016 à 17:21
INTAGOHEKA

nyakwubahwa peter Nkurunziza Yitoje Yotorwa Kumajwi 53 Uwutomutora Ni Kkagame Gusa !

18.07.2016 à 17:04
Kkagame

Peter Nkurunziza Yitoje Yotorwa Kumajwi 5o

18.07.2016 à 16:51
KKagame

NTANUWAGERAGEJE KUYIBA ?UMUGABO WIJUNJA NIJAMBO NKURUNZINZA IYAJAYO AKITOZA NDAZI BAMUTORA 100-0 AKAYATSINDA AKANYIGANYIZA AFRICA YOSE MUGATANGARA !ABOBANDI WAPI NTAKIGENDA !!!

18.07.2016 à 15:27
PEACE

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.