Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amatora yo muri Nigeria yigijwe inyuma
Amatora yo muri Nigeria yigijwe inyuma
lundi 9 Ruhuhuma 2015, par
Amatora yo muri Nigeria yigijwe inyuma bitumwe n’uko abasoda bategerezwa gucungera amatora bari kurwanya Boko Haram.

Umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko wafashe iyo ngingo kubera ko abasirikare bakenewe mu gucungera amatora bari mu gikorwa co kurwanya Boko Haram. Iyo ngingo yakiriwe neza n’umugambwe uri ku butegetsi ariko abatavuga rumwe na Reta ntiyayishimye na gato.
Iyo migambwe iravuga ko kwigiza inyuma itariki y’amatora indwi zitandatu zose ari ikintu gikomeye kuri demokarasi. Muhammadu Buhari yigeze kurongora igihugu ca Nigeria ku butegetsi bwa gisirikare wo mu mugambwe APC (All Progressives Congress) n’umukuru w’igihugu Goodluck Jonathan wo mu mugambwe PDP ( People’s Democratic Party) nibo bazohiganirwa ikibanza c’ umukuru w’igihugu muri ayo matora yari ateganijwe kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma uno mwaka.
Tubibutse ko abasirikare ba Reta ya Nigeria bahanganye n’intagondwa zigendera ku mabwirizwa akaze y’idini ya Islamu mu Buraruko bw’igihugu. Abantu isinzi bakaba bamaze guhitanwa n’ibitero vy’izo ntagondwa mu myaka itandatu iheze
Floxella karire