Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angelina Jolie asaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kurwanya amabi akorerwa (...)
Angelina Jolie asaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kurwanya amabi akorerwa abakenyezi
samedi 13 Ruheshi 2015
Umukinyi w’amareresi Angelina Jolie,akaba n’umuserukizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR, asaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu bice biba birimwo intambara.
Aho yari yatumiwe mu nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika iriko ibera mu gihugu ca Afrika y’Epfo,Angelina Jolie yavuze ko,amabi akorerwa abakenyezi agifatwa nk’ayasanzwe.

Angelina Jolie yavuze ko imirwi yitwaje ibirwanisho ikoresha ayo mabi nk’ikindi kirwanisho kuko asa naho adahanwa.
Angelina Jolie ati :« Biraboneka neza ko atari ikibazo ca Afrika gusa,ahubwo ari ikibazo c’isi yose,mu bindi bice ibintu ntibirononekara cane nk’uko biri muri Afrika.»
Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini-Zuma, yamenyesheje ko gushira abakenyezi mu twigoro tw’amahoro bifise akamaro kanini kuko aribo,intambara zigirako ingaruka kurusha abandi.
Messages
13 Ruheshi 2015, 20:00, par NAHABANDAHARI PETER
MWAKOZE KUBIVUGAKO KUKO AHAMUBURUNDI HOHO POLICE NINAYO IHENUZA ABANGANA NA BAYINAKURU BIYANDIYE UTWO BAKURAMWO AGA FU MURUMVA KO AFRICA YOKWIRENGEJE MUGUHOHOTERA ABAKENYEZI NKAKO NAHIWACU BARAFASHWE KUNGUVU BAKICWA ABO BAHETSE BAGA SEKUGWA MUMASEKURO BABONA NAYANDI MABI..... RERO KWIZI LETA HOHO NAGAHO MERA MUNWA ABAKECURU BBA BIKIRA BIMYAKA HAFI 100 BARISHWE MUBURUNDI