IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Blaise Compaoré yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire

Blaise Compaoré yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire

mercredi 24 Ruhuhuma 2016, par egide

Blaise Compaoré yigeze kuba umukuru w’igihugu wa Burkina Faso, mu nyuma agakurwa ku butegetsi yiyamirijwe n’abanyagihugu, yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire, igihugu asanzwe yari yarahungiyemwo. Blaise Compaoré akaba atacitwa impunzi.

Nk’uko bibonekera mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu wa Côte d’Ivoire, Alassane Ouattara, ryashizwe mu ngiro kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2016, ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire bwahawe Blaise Compaoré yahora arongoye Burkina Faso, hamwe na mwenewabo François Compaoré.

JPEG - 691.1 ko
Blaise Compaoré yigeze kuba umukuru w’igihugu wa Burkina Faso

Umutahe mpuzamakungu w’uguhagarika Blaise Compaoré warasohotse, akaba aronderwa ku ruhara akekwako, ku rupfu rwa Thomas Sankara yahoze ari umukuru w’igihugu wa Burkina Faso.

Kuba rero yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire bishobora kugira ingaruka kuri ivyo yagirizwa, kuko igihugu ca Côte d’Ivoire kidashobora kumufata kandi akaba azokwitwa uwo muri Côte d’Ivoire aho azoba agiye hose, mu gihe ku mpapuro z’ukumuhagarika handitsweko ari umunya-Burkina Faso.


IGIHE

Messages

  • Blaise Compaore baramubonera, ko batararungika imitahe yo guhagarika abishe Ndadaye Melchior na Sipiriyano Ntaryamira? Igitangaje n’uko bazwi hanyuma amakungu akabirenzaho uruho rw’amazi! Nibashake bareke mugabo ndazi y’uko Abarundi b’umutima bazobifatira.

  • sha naho azokwitwa umunyamerika niyaba afise ico yakoze naho azoja he azobazwa ibintu vyarahindutse muri iyisi vyiza yopfuma aja mukuzimu niho atawuzomukwirikirana.

  • Abanyafrika niko bapfuy mu gukingiranir ibibi bakoze.bos barica

  • @ Rusakumba kuravuga abishe col Bikomagu na Adolphe, kyangwa uramutinya kuko yaguhaye indya?

  • Aho mukwivugisha ivyo nukugira mwerekane ko mubakunda imyaka10 cumi mumaza kubutegetsi ubuniho mugeze kwibuka imitahe yo guhagarika ababishe aba DD mwarahinyutse ivyovyose ntakindi kibibavugisha Atari izondazanyu ninzigo yakazikira yokumara benewanyu mbe niba mukunda ndadaye na ntaryamira mwobanje mugakunda abobasize ntimuba mwirirwa murabamarira kwicumu kandi niba mubakunda ntaho bigeze bigisha ko uwo mudahuje ivyiyumviro aruwo kumarira kwicumu canke kwigumiza kubutegetsi kusahura itunga ryigihugu gutabagaza ubuzima bwumuntu kwariyo democracy nkuko mwirirwa mubigira igihugu cacu muragihumiye twaritwizeye ko kigiye kwogorora

  • @Rusakumba. Blaise compaore niba utamuzi niwe wakoresheje inama yambere yo kurimbura abahutu (gutangira intambara mu Rwanda yo kuvanaho Habyarimana).Ibyakurikiye urabizi. Njye numva yakanirwa urumukwiye.

  • icihutirwa si ukumuha ubwene gihugu ahubwo vyiza bomucira urubanza akabazwa n’ivyurupfu rwa thomas sankala.

  • @ Nakajna,

    Iyo ufata Blaise Compaore ukamuzana mubyi Rwanda wumva utameze nku muntu utazi icyo avuga. Wabwira abasoma ibyo wanditse aho iyo nama yabereye, italiki, ukwezi n’umwaka ko numva wigize bamenya? Utangiye kurindigiza abantu nka Rusakumba uvuga ibya Ndadaye na Ntaryamira, niba wowe Rusakumba na benewanyu mudafite ubushobozi bwo kubaza ibyanyu, mujye muceceka mureke gutera abantu iseseme. Niba utazi urugamba rwo gukuraho Kinani uko rwatangiye uzabaze ababizi, cyangwa ugire ubwenge bwo kumenya amateka. Period

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.