IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Boko Haram yarekuye abantu barimwo umukenyezi w’icegera c’umukuru w’igihugu (...)

Boko Haram yarekuye abantu barimwo umukenyezi w’icegera c’umukuru w’igihugu wa Cameroun

dimanche 12 Gitugutu 2014

Abashinwa bari banyurujwe n’abarwanyi ba boko haram mu gihugu ca Nigeria co kimwe n’umutambukanyi w’umushikiranganji wa mbere wa Cameroun barekuwe.

Abo bashinwa bakaba bari banyurujwe mu kwezi kwa Rusama, inyuma y’aho abo barwanyi batereye ihinguriro ry’abo bashinwa. Uwundi yarekuwe n’abo barwanyi, akaba ari umutambukanyi w’umushikiranganji wa mbere wa Cameroun nawe yari yanyurujwe mu kwezi kwa Ruheshi, aho yari yakuwe mu muduga, ariko aja kuramukanya. Igihugu ca Cameroun kikaka ubu gicungereye umutekano ku rubibe gihana na Nigeria, aho abasirikare badakubita urugohe, kugira ntibaterwe n’izo ntagondwa.

Abo barwanyi rero bakaba baheruka kwagura ikirere bagiramwo intambara, aho kuva muri Nigeria kugeza mu Buraruko bwa Cameroun abanyagihugu bama bicura izo ntagondwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • NONE IZO NTAGONDWA ZIHARANIRA IKI? AMAKUNGU NAKORANE BABABUZE UBWO BUBISHA. NA GHADAFI ATACO YAGIRIZWA BARAMURWANIJE GUSHIKA AHO BAMWICA.

  • unusual keeping Aba boko barekuye uwo mugore ukwo nyene batamwihayeko? nimba barabikoze naho umugabowe yavyakiriye gute nigiti afise ingene kingana?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.