IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abagomvye gutembagaza ubutegetsi banse gushira ibirwanisho (...)

Burkina Faso: Abagomvye gutembagaza ubutegetsi banse gushira ibirwanisho hasi

mardi 29 Nyakanga 2015

Igisirikare ca Burkina Faso kimenyesha ko umugwi w’abasirakare bacungera umutekano w’umukuru w’igihugu, uvugwako vyinshi kandi uheruka kugerageza gutembagaza ubutegetsi, wanse gushira ibigwanisho hasi.

Igisirikare kivuga ko, ibikogwa vyo kwaka ibigwanisho uwo mugwi w’abasirikare bacunga umukuru w’igihugu RSP ataco vyashitseko, kubera uwo mugwi warahiye ko uta bigwanisho ugiye gushira hasi.

Igisirikare kivuga kandi ko vyatewe n’inyifato itameze neza ya General Gilbert Diendere, umukuru wabo basirikare, ari nawe yari abarongoye igihe bagerageza gutembagaza ubutegetsi.

Ivyo bikogwa vyo kwaka uwo mugwi w’abasirikare ibigwanisho vyatanguye ku musi wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2015, inyuma yaho abategetsi batangaza icese ko batandukanije uwo mugwi w’abasirikare.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyateguye inama yihuta ku munsi wa mbere,amashirahamwe ategamiye Reta nayo ahamagarira abanyagihugu kuja mu myiyerekano.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.