Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Burkina Faso : Abanyagihugu barindiriye kubwirwa izina ry’uwatsinze
Yanditswe taliki ya 30-11-2015 - isaha 14:25' na IGIHE

Zéphirin Diabré wo mu mugambwe UPC hamwe na Roch Marc Christian Kaboré wo mw’ihuriro MPP nibo bahabwa amahirwe menshi y’ugutsindira ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Burkina Faso, inyuma y’amatora yabaye muri ico gihugu kuri uwu w’Imana. Impande zose zihuriza ku kwemeza ko ayo matora yabaye mu mutekano ntangere, kandi ku mugaragaro.

Ku myaka igera kuri 30 yari aheze, ayo matora niyo ya mbere abaye inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi bwa Blaise Compaoré yahoze aramutswa ico gihugu. Yaba abahiganwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, imigambwe canke abarorerezi mpuzamakungu bahagarikiye ayo matora, bose bemeza ko yabaye mu mutekano ntangere, kandi ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko yoba yaribwe.

Bitegekanijwe ko mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere ariho igikorwa c’uguharura amajwi kiba caheze, abo bajejwe kuyaharura bagaca bashira ahabona ivyavuye mu matora.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.