IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abasirikare 20 bapfunzwe bagirizwa gushaka gupfunguza Gilbert (...)

Burkina Faso: Abasirikare 20 bapfunzwe bagirizwa gushaka gupfunguza Gilbert Diendere

mardi 29 Kigarama 2015

Abasirikare bashika 20 mu bahoze bacunga ubuzima bwa Blaise Compaoré yahoze arongoye igihugu ca Burkina Faso barapfunzwe bakweka kugira umugambi wo kubohoza General Gilbert Diendéré.

Abo basirikare bafashwe bari mu nama yo kwiga ingene bazogira ibitero mu bice bitandukanye vyo ku murwa mukuru mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu hanyuma bakavyinyegeza inyuma mu gupfunguza Gilbert Diendéré na Djibrill Bassolé bapfunzwe.

Umwe mu bajejwe umutekano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ko abo basirikare bapfungiwe mu kigo ca gisirikare kiri mu gisagara ca Ouagadougou.

Umushikiranganji wa mbere wa Burkina Faso Isaac Zida yamenyesheje ko hapfunzwe abasirikare 20 kandi bazojanwa imbere y’ubutungane bakabazwa kuvyo bagirizwa.

Gilbert Diendéré na Djibrill Bassolé bakurikiranwa ku caha co kugerageza gutembagaza ubutegetsi.

Abantu bababa 57 nibo bapfunzwe bazira gutembagaza ubutegetsi ,benshi muri abo bashobora gucibwa igihano co gupfungwa ubuzima bwabo bwose.
Umukuru w’igihugu ca Burkina Faso, Roch Marc Christian Kaboré yavuze ko ubutungane buzokora akazi kabwo gushika urubanza ruciwe.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.