Burkina Faso : Roch Marc Kaboré yatahukanye intsinzi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 1er décembre 2015 saa 09:05
Yasomwe : 18846
0 0

Roch Marc Kaboré yahora ari umushikiranganji wa mbere niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’Umukuru w’igihugu ca Burkina Faso yabaye kuri uwu w’Imana.
Uwo yatsinze amatora, Roch Marc, abaye umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu hatabayeho itembagazwa ry’ubutegetsi kuva igihugu ca Burkina Faso kironse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’1960.
Roch Marc Kaboré yigeze kuba umukuru w’inama nshingamateka, yongera aba n’umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Blaise Compaore yirukanwe n’abanyagihugu, (...)

Roch Marc Kaboré yahora ari umushikiranganji wa mbere niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’Umukuru w’igihugu ca Burkina Faso yabaye kuri uwu w’Imana.

Uwo yatsinze amatora, Roch Marc, abaye umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu hatabayeho itembagazwa ry’ubutegetsi kuva igihugu ca Burkina Faso kironse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’1960.

Roch Marc Kaboré yigeze kuba umukuru w’inama nshingamateka, yongera aba n’umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Blaise Compaore yirukanwe n’abanyagihugu, inyuma y’imyaka 27 yari amaze ku butegetsi. Inyuma y’ukutumvikana kwiwe na Blaise Compaore, uwo yaraye atsinze amatora yaciye atanguza umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi (MPP : Movement of People for Progress).

JPEG - 135.6 ko
Roch Marc Kaboré yigeze kuba umukuru w’inama nshingamateka

Roch Marc Kaboré atsinze amatora inyuma y’aho amajwi y’agateganyo yerekaniye ko afise ibice 53,5 kw’ijana, mu gihe uwamukurikira, Zephirin Diabre, yari afise ibice 29,7 kw’ijana.


Kumenyekanisha

1
AFRIKA 2-12-2015 à 09:47

KABORE notre frere Africain, vous venez d’etre elu President d’un Pays qui a tant souffert de l’absence d’un patriote Africain Thomas NSAKARA, puis je vous demander de marier l’ideologie et la philosophie de ce Hero qui nous a manque depuis lors ?

2
Bakari 1er-12-2015 à 15:44

Ni vyiza ko ayo matora yagenze neza ! Mugabo kugira uwutsinze ace aronka amajwi arenga mirongo itanu kw’itora ryambere (1er tour) si vyiza ! Kuko abandi bahiganwa uca umenga bari imperekeza ! Vyari kuba vyiza aronse amajwi ari munsi ya 50%, hanyuma bagahiganwa mw’itora rigira kabiri (second tour) n’uwakabiri ! Niho bica biboneka ko abatora bazi gutandukanya icatsi n’ururo (savoir séparer le bon grain de l’ivraie) !

3
bachelier 1er-12-2015 à 09:42

ngira wew mandat azozubahiriza yonger abakorer ico bashaka ! reka tumurabe.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha