Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Burkina Faso : Umukuru w’igihugu yagenye umushikiranganji wa mbere
Yanditswe taliki ya 7-01-2016 - isaha 11:39' na IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Roch Marc Christian Kaboré yagenye Paul Kaba Thieba kuba umushikiranganji wa mbere muri Reta yiwe.

Hari haheze iminsi itari mike abanyagihugu muri Burkina Faso barindiriye kumenya umushikiranganji wa mbere,ariko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016 niho umukuru w’igihugu yagena umushikiranganji wa mbere.

Paul Kaba Thieba w’imyaka 55 y’amavuko afise igikorwa kitoroshe kuko azoba arongoye Reta ya mbere igihugu kivuye mu ntwaro rusangi.

Roch Marc Christian Kaboré yabaye umukuru w’igihugu wa mbere atowe mu matora abaye mu mwidegemvyo kandi akurikije intwaro rusangi kuva Blaise Compaoré akombowe ku butegetsi.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.