IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Zéphirin Diabré yatanze imihoho mu kurongora abatavuga (...)

Burkina Faso : Zéphirin Diabré yatanze imihoho mu kurongora abatavuga rumwe

mercredi 19 Munyonyo 2014

Zéphirin Diabré yahora atavuga rumwe na Reta ya Blaise Compaore avuga ko ubu bitagikenewe ko aguma arongoye urwo ruhande rw’abatavuga rumwe, inyuma y’aho hagenewe umukuru w’igihugu w’imfatakibanza.

Mu rwandiko yasohoye, Zéphirin Diabré yahora arongoye abatavuga rumwe muri Burkina Faso akavuga ko urwo rwego atakamaro ko kuguma arurongoye, mu gihe humvikanyweko uwusubirira Compaore, ari naco gituma yafashe ingingo yo gutanga imihoho muri urwo rwego. Urwo rwego rw’abatavuga rumwe na Compaore rwari rwashinzwe mu mwaka w’2009 mu kwezi kwa Ndamukiza, rukaba rwamenyesheje ko ibikorwa birangiye mu kwezi kwa Munyonyo uwu mwaka, inyuma ry’ukwirukana Blaise Compaore ku butegetsi.

Umukuru wa Union pour le progrès et le changement (UPC) ari nawe yari arongoye uwo murwi w’abatavuga rumwe muri Burkina Faso, akamenyesha ko be n’imigambwe barikumwe barindiriye co kimwe n’abandi, igenwa ry’abazoja mu nzego zitandukanye muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.