IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Fasso : Ikiziga ca Thomas Sankara kigiye kuzurwa hakorwe (...)

Burkina Fasso : Ikiziga ca Thomas Sankara kigiye kuzurwa hakorwe amatohoza

vendredi 6 Ntwarante 2015

Reta ya Burkina Fasso yatanze itegeko ryo kuzura ibisigarira vya Thomas Sankara, hagirwe amatohoza ku bijanye n’urupfu rwiwe, hanyuma afubanwe iteka.

Iyo ngingo yafashwe na Reta y’ico gihugu inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Blaise Compaoré yirukanywe n’abanyagihugu. Ingingo rero yo kuzura Thomas Sankara kugira hagirwe amatohoza, yafashwe n’inama nshikiranganji yabaye kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 4 Ntwarante uwu mwaka. Kuva Thomas Isidore Noël Sankara yatwaye igihugu ca Burkina Fasso kuva ku wa 4 Myandagaro umwaka w’ 1983 gushika ku wa 15 Gitugutu umwaka w’1987 agandaguwe, ntamatohoza yigeze aba, kugira ukuri kumenyekane.

Ariko bamwe mu bategetsi b’ico gihugu, bakavuga ko amatohoza vyanse ko akorwa, kubera abamugandaguye aribo baciye bafata ubutegetsi ico gihe. Capitaine Thomas Sankara rero akaba amaze kugandagurwa, yaciye ajanwa gufubwa mw’itongo ry’abapfuye ry’ Dagnoën, ariko abiwe bakaba bafise amakenga, ko ashobora kuba yarakuweyo, akajanwa ahandi batazi. Michel Kafando, umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso, avuga ko azoha amafaranga akwiriye umuryango wa Thomas Sankara kugira bagirishe ibipimo bamenye vyukuri k’uwishe uwabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abishe Nyenicubahiro NDADAYE bari I Bujumbura banezerewe, ariko imisi yabo iraharuye, ntawari aziyuko hazoba amatohoza kuri SANKARA. Ahubwo ayo mashirahamwe y’Ibujumbura abesha ngo aharanira agateka kazina muntu, nasokoroke atunge urutoke abagandaguye Incungu ya Democratie. Ahubwo nosaba ko umunyagihugu ahari I burundi kwiyamiriza abobobiyitirirako bariko baravugira abanyagihugu ngo ni amashirahamwe yagateka kazina muntu. Ahubwo mubumvise kwi radiyo muzobatere ivyatsi abo nibo bagandaguye umuhisi NDADAYE.Imisi yabo iraharuye, igihe citerabwoba cararangiye.

    Amaraso ya NDADAYE na CYPRIEN mugiye kuyadahwa vuba. Reka Nyene icubahiro tumwongere ikindi kiringo tuzomutora muvyanka canke muvyemera: Burya mukirundi ngo ingwe igutwara igitungwa ikigutanga kuraka.

    Komera

    Jean Luc

  • None uwo mukuru w’igihugu ushaka kwongera ntabubasha afise bwo gutanguza amatohoza y’abagandaguye Ndadaye Melchiol? Azoburonka aruko yitoje bidaciye mumategeko? Imyaka cumi yose atabikoze, ayo mashirahamwe hamwe abayagize boba aribo bamugandaguye habuze iki ngo bakurikiranwe? Hari ubudahangarwa mwigeze mwumva bafise?

  • @jean luc ndakurahiye hamwe nkuruziza yo kwiyongera nawe azohita nyoko nabawe hanyuma uce ushima ngose

  • ico gihugu ndumva kirembeje inzira yiterambere n’ubutungane!yaba abategetsi b’uburundi nabo bohindutse,bakarondera ukuri ku mvugakuri zashengeye zizira ukuri kwazo,uburundi bwohinduts "paradis"!none ntakundi bishinga kwinezereza be n’imiryango yabo!

  • sha jean luc uri n’ubwenge buke.sinzi ko ufise n’ubugushitsa aharaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.