Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Blaise Compaoré : Abasirikare bakoreye hamwe n’abatavuga rumwe (...)
Blaise Compaoré : Abasirikare bakoreye hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi
lundi 10 Munyonyo 2014
Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso yemeza ko kuba yarakombowe ku butegetsi bitavuye ku mugambi yari afise wo kwigumiza ku butegetsi, ahubwo ko vyavuye ku batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bakoreye hamwe n’igisirikare mu kumukombora.
Mu buhungiro aho ari mu gihugu ca Côte d’Ivoire, Blaise Compaoré amenyesha ko ata kintu na kimwe cari gusubiza inyuma umugambi wari uhari wo gushikira ubutegetsi biciye mu nguvu. Ku bwiwe, kuba ibwirizwa shingiro ryagira rihindurwe kugira azosubire kwitoza mu 2016 siyo ntandaro y’imigumuko. Blaise Compaoré avuga ko naho uguhindura ibwirizwa shingiro vyari guca mu nama nshingamateka, canke mu banyagihugu ubwabo (référendum), ntaco vyari guhindura kuko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bari bamaze gucudika n’igisirikare, kugira akurwe ku butegetsi ku nguvu.

- Blaise Compaoré
Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso aremeza ko yari yaviyumvisemwo ko ashobora gukomborwa, kuko yari yamaze kumenya hari bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bari bafitaniye imigenderanire ikomeye n’intwazangabo z’igisirikare ca Burkina Fasso, ivyo navyo akaba ata kindi vyari bigamije atari gutembagaza ubutegetsi.
Blaise Compaoré amenyesha ko igikuru ar’uko yamaze gusubiza ubutegetsi, hama kuba yakoze vyiza canke bibi, yishura ko kazoza ariko kazovyerekana.
N’aho adatomora, aragaruka akemeza ko ku myaka 27 yamaze ku butegetsi hari abo yaruhishije, ariko akaba adatomora abaribo. Ku bijanye n’uwamusubiriye mu kibanza vy’imfatakibanza ariwe Lieutenant-Colonel Isaac Zida, Blaise Compaoré avuga ko yihaye amananiza.
Egide Nduwimana
Messages
10 Munyonyo 2014, 19:26, par Musamurasosamusazawanyoko
Ivyuyumugabo avuze nivyo kuko nkubu uwohenda abenegihugu mugihugu caricocose ngonibakore nkivyo muri Burki Faso bakoze bashobora guhuranivyago bikomeye bagatangurakwibaza ngokuberiki twebwe bidureje ivyago ngokandi ahandibarabikoze bigakunda? Kumbe abandi babigizebabanje kumenyako intwazangabo zibashigikiye, hoserero birashoboka ariko mubanze mwiyegereze intazangabo bitabayivya muzobinako igikere ciganye inzovu..........
11 Munyonyo 2014, 13:53, par Kuri
EMWE MURAZI NEZA KO ATAWUPFA AGOMBA CANKE ADATEYE IGERE
MURINDIRE AHO NAHO IBURUNDI ABIHEVYE BARIHO. KANDI NABO BARIKUMWE NA NKURU BARIMWO , CANKE NTIBARIMWO.?
12 Munyonyo 2014, 00:02, par Nwari
Uburundi bugona buri maso ntimugire ubwoba 10 ans ziri mugukwira kugira tugume twubaha,democratie nayo 10ans 1jours :ahibabwe murabaza
12 Munyonyo 2014, 06:17, par Rabakure
Wewe witws Kuri,nturamenya ico abaja mw ibarabara baba barondera ahubwo iyo abasoda csbke aba police biraraye mubanyagihugu bskica ahubwo igitego kiba cinjiye ,ntuzi ko irahe yashiririwe ho abatware ba africa ahubwo nkabo bageneral bacu bazi ko ufise inkoho ari kurasa gusa bstigera basoma iyo isi igeze ,bazobica ariko umenye ko umugambwe cndd fdd uzosigara ari harabsye kurysma kws MRND.iyo Niyo turufu irya muhu komera.