Cameroun : Umwana yishwe n’isanganya ryakozwe n’imiduga yunguruza Samantha Power

Yanditswe na IGIHE
Kuya 19 Ndamukiza 2016 saa 11:48
Yasomwe : 40878
0 0

Umwana w’umuhungu wo mu gihugu ca Cameroun yitavye Imana kuri uwu wa mbere, agonzwe n’imidoka imwe muzigendanira Samantha Power aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, akaba ari mu rugendo rw’akazi, mu bikorwa vy’ukurwanya Boko Haram aho mu gihugu ca Cameroun.
Iryo sanganya ry’imodoka ryari ryavuzwe mu binyamakuru vy’aho muri Cameroun kuri uwu wa mbere kuva rikiba, na Samantha akaba yabigarutseko mw’ijambo yashikirije imbere y’abamenyeshamakuru i Maroua, kuri uwu wa mbere.
Samantha Power (...)

Umwana w’umuhungu wo mu gihugu ca Cameroun yitavye Imana kuri uwu wa mbere, agonzwe n’imidoka imwe muzigendanira Samantha Power aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, akaba ari mu rugendo rw’akazi, mu bikorwa vy’ukurwanya Boko Haram aho mu gihugu ca Cameroun.

Iryo sanganya ry’imodoka ryari ryavuzwe mu binyamakuru vy’aho muri Cameroun kuri uwu wa mbere kuva rikiba, na Samantha akaba yabigarutseko mw’ijambo yashikirije imbere y’abamenyeshamakuru i Maroua, kuri uwu wa mbere.

Samantha Power yamenyesheje imwe mu miduga imugendanira yagonze uwo mwana w’umuhungu kandi yahavuye yitaba Imana, naho ababijejwe bari banyarukiye kumuvura aho nyene akigira isanganya.

Samantha Power yavuze ko yababajwe cane n’urupfu rw’uwo mwana, akaba mbere yarishikiye mu muryango w’uwo mwana kubamenyesha ko yifadikanije nabo mu mubabaro barimwo.


Kumenyekanisha

1
Kayirebwa leonille 19-11-2016 à 07:05

Me ihangane ntakibazo Imana urakoze Imana image iruhuko rwisasira,

2
habarugira 20-04-2016 à 06:48

ntakundi umuryango wiwe niwihangane ariko uhabwe indishi yakababaro.

3
Démocrate SINDUMUJA 19-04-2016 à 20:14

Aba DD kubera amaraso bakoze barataye umutwe. Ntanarimwe umu DD yotanga iciyumviro ngo ubiyoberwe. Samantha Power bamuhora k’atigeze yemera ibikorwa vy’abayangayanga ba herode. Kandi impembo y’abamwanka impembo yabo ninkirya yahawe adolphe na darius

4
Gérard Ndayisenga 19-04-2016 à 17:02

birababaje kandi yaba samata yaba numushoferi ntaruhara babifisemwo kumbure umuryango wokwigunya ntakundi

5
gwasa 19-04-2016 à 17:00

ukabura kubundara ngurikucabugufi!wamwicanyiwe ,ntube waragonga numwe igihe uherukira muburundi?ngotukwereke?

6
Frank 19-04-2016 à 16:59

Ntafise umutima waboze kandi so igipfu.Ahubwo afise umutima wakomeretse kubera anazungu nkumbure bigafatanya nuruhande ahagazenwo muro politic.
The aba adventist bumusi windwi twihatira gutahura impavu yavuze atyo.ariko rero ntiyobura kwirimbura akabona nkumuntu ntasubire kubona ibibazi gusa.isanganya nikurya nuwugenda bamaguru aragwa.
Vyoba vyiza yivuguruje ntukamusobanukirwa.

7
Tijos 19-04-2016 à 16:13

@Pole: Hari umuzungu urabona aje gufata imipanga ngo ariko aratema amazosi abantu muri Afrika? Canke ngo arase, atere za grenades abo basangiye akabisi nagahiye. Abanyafrika mureke dukanure tubone, ingendo yogushira amakosa kubandi ntaho izodushikana. Tuve ibuzimu tuje ibuntu. Uyu mupfasoni yagize umutima w’ubuvyeyi aja no guhoza umuryango wabuze kandi ndazi ko imodoka za ONU ziri assurés azoronka indishi y’akababaro. Nayo iwacu aba polisi barica, bakanyuruza abo bokingiye bakababoreza igufa. Indishi yakababaro nukubita abagumutsi.

8
Frank 19-04-2016 à 16:08

Abarundi mbega twaraborewe nijambo politic mbi. Ngirango hari ICO tutazi.iyohavuzwe isanganya nkarirya wategerezwa kwibaza urya numuzungu niyo yokwica yokwica abavyeyi .ngira ntamuduga uratunga canke NGO ugendeshe.KO ushobora kukwica iba aripolitic be yawe?wari umuduga kandi power ntiyarimwo.numuduga umugendanira watwarwa nabenegihugu.Burashoboka ukaba wihuse vyoba vyiza usavye imbabazi abakoresha uyumuyoboro kuko wihuse UCA uratirimika.uzoba ubaye intwari niwabikira
Urakoze

9
cakira 19-04-2016 à 15:54

Ngo karunamye gasaba ikigongwe!ntube waragonga numwe igihe uherukiye ngaha?wankotowe!

10
cakira 19-04-2016 à 15:44

Ngo karunamye gasaba ikigongwe!ntube waragonga numwe igihe uherukiye ngaha?wankotowe!

11
Nkurunziza p 19-04-2016 à 14:28

Ariko aho ntanisoni nivyo uvuze, accident ni accident iyo bapfuma bagonga wewe kuko ntaco umanze kandi ntaco uzovamwo, tubona ko yaciye aja kugarukira kuri uwo muryango ga wagipfuwe, reka kuba ugira umutima waboze

12
Pole 19-04-2016 à 12:32

Ikimenyetso c’uko abo bazungu bazanwe no kumara abanyafrika. Uwo n’uwo n’uwo vyibonejeje. Abo bica Kubera politique yabo mbi bangana iki?
Abanyafrika kanure mubone.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha