Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafika : Indwano yabaye ku bunani yahitanye ubuzima bw’umwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafika : Indwano yabaye ku bunani yahitanye ubuzima bw’umwana

Centrafika : Indwano yabaye ku bunani yahitanye ubuzima bw’umwana

jeudi 2 Nzero 2014

Mu gisagara ca Bangui kiri mu gihugu ca Centrafrika imirwano irabandanya, ndetse kuri uyu wa 1 Nzero uyu mwaka w’2014, amasasu akaba yarumvikanye mu gisagara aho abantu bashika 15 bakomeretse harimwo abana batatu, umwe nawe akaba yaritavye Imana.

Iyo mirwano rero yabaye kuri uyu munsi mukuru w’ubunani, ikaba yari hagati y’abarwanyi bitwa anti-balaka n’umurwi w’abarwanyi bahoze mw’ishamba ba seleka. Mw’isaha imwe gusa izo ndwano zamaze, abantu barenga cumi na batanu bakaba barajanywe mu bitaro, aho bakomerekejwe n’amasasu y’inkoho. Ubu rero abasirikare bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika (misca), bakaba bacunze ikambi yahungiyemwo abantu isinzi bangana ibihumbi ijana.

Muri iyo kambi rero hakaba haranapfuye umwana w’uruyoya aho yahitanywe n’urusasu. Abanyagihugu rero batari bake bakaba bariko barahunga, aho abari mw’idini rya Islam bavuka mu gihugu ca Tchad bahunze, bagatinya guhitanwa n’izo ntureka bazira ukwo kutumvikana kw’amadini.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.