Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafika : Indwano yabaye ku bunani yahitanye ubuzima bw’umwana
Centrafika : Indwano yabaye ku bunani yahitanye ubuzima bw’umwana
jeudi 2 Nzero 2014
Mu gisagara ca Bangui kiri mu gihugu ca Centrafrika imirwano irabandanya, ndetse kuri uyu wa 1 Nzero uyu mwaka w’2014, amasasu akaba yarumvikanye mu gisagara aho abantu bashika 15 bakomeretse harimwo abana batatu, umwe nawe akaba yaritavye Imana.
Iyo mirwano rero yabaye kuri uyu munsi mukuru w’ubunani, ikaba yari hagati y’abarwanyi bitwa anti-balaka n’umurwi w’abarwanyi bahoze mw’ishamba ba seleka. Mw’isaha imwe gusa izo ndwano zamaze, abantu barenga cumi na batanu bakaba barajanywe mu bitaro, aho bakomerekejwe n’amasasu y’inkoho. Ubu rero abasirikare bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika (misca), bakaba bacunze ikambi yahungiyemwo abantu isinzi bangana ibihumbi ijana.
Muri iyo kambi rero hakaba haranapfuye umwana w’uruyoya aho yahitanywe n’urusasu. Abanyagihugu rero batari bake bakaba bariko barahunga, aho abari mw’idini rya Islam bavuka mu gihugu ca Tchad bahunze, bagatinya guhitanwa n’izo ntureka bazira ukwo kutumvikana kw’amadini.
Aristide Nizigire