Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abajejwe umutekano b’abafaransa batanguye gukizura
Centrafrika : Abajejwe umutekano b’abafaransa batanguye gukizura
jeudi 10 Ndamukiza 2014
Abajejwe umutekano b’abafaransa bitangiye imbere abasirikare ba buraya mu gihugu ca Centrafrika, guhera ku munsi w’ejo kuwa gatatu zikaba zaciye zitangura gukizura mu gisagara ca Bangui.
Kuri uno wa kane akaba ariho bitegekanijwe ko inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iza kwemeza irungikwa ry’abasirikare 12000 boja gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu.

Abasirikare b’abafaransa bari bitezwe mu ntumwa zo mu bihugu vya buraya zizoja gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika batanguye gukizura mu gisagara ca Bangui, guhera ku mu munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza, hakaba kamaze gushika abagera kuri 55.
Abo basirikare bakaba batanguye gukizura mu duce dusanzwe dukarirwa n’ibitero, nk’ikaritiye yitwa PK5.
Floxella Karire