IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abarwanyi b’umurwi Seleka barahiye gusubira mu (...)

Centrafrika : Abarwanyi b’umurwi Seleka barahiye gusubira mu biganiro

mercredi 23 Mukakaro 2014

Abari baserukiye abahoze ari abarwanyi ba Séleka ntibiteguye gusubira muri vya biganiro vy’amahoro biriko birabera mu gihugu ca Congo Brazzaville, nk’uko vyamenyeshejwe na Mohamed Moussa Dhaffane.

Iryo huriro ryari ryitabwe n’intumwa zivuye muri Centrafrika zigera kuri 170 baserukira abandi, nibo bari bahuriye i Brazzaville. Intumbero ya mbere y’iryo huriro kukaba kwari ukugira barabe ukuntu boshobora guhagarika indyane ziri mu gihugu ca Centrafrika. Twovuga ko iryo huriro ryatanguye nabi kuko uwari arongoye intumwa z’umurwi wahoze urwana wita Seleka zasavye ko ibiganiro bigitangura, imbere y’uko hagira ico baganira na kimwe, abitavye ivyo biganiro bobanza kwemera ko igihugu ca Centrafrika bagicamwo kubiri, ivyo abari aho bamiriye kure.

Mu ntumbero yo kubandanya ibiganiro , abategetsi bo mu gihugu ca Congo ari nabo bariko barahuza impande zose zirwana, ari nabo bari bateguye iryo huriro kw’izina ry’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’ Afrique Centrale bakaba bari bazanye kuri uno wa kabiri ,icenda mu bakuru b’igisirikare c’abo barwanyi b’umurwi Séleka. Ariko rero ntanakimwe bashoboye kudadanura mu gatondo ko kuri uno wa gatatu. Ibikorwa vy’iryo huriro vyari gutangura igihe c’isaha zitatu vyungururijwe igihe c’isaha zitandatu. Ibikorwa vyo gusozera iryo huriro bikaba bitegekanijwe igihe c’isaha icenda z’umurango.

Ku ruhande rwa Seleka ,baguma bahagaze kuri rwa ruhande nyene ko imbere yuko hagira ikintu na kimwe baganira, ko babanza kwemera ko igihugu gicikamwo kubiri.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.