IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyemejwe na (...)

Centrafrika : Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyemejwe na Sentare

mercredi 2 Ntwarante 2016, par egide

Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya kabiri yabaye kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2016, sentare nkuru yemeje ko Faustin-Archange Touadéra ariwe yatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Centrafrique.

Faustin-Archange Touadéra asanzwe yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika yatsinze ku majwi agera ku bice 62,69 kw’ijana, mu gihe uwo bari bahanganye, Anicet Georges Dologuélé yatahukanye ayagera kuri 37,31 kw’ijana.

JPEG - 96.1 ko
Faustin-Archange Touadéra asanzwe yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika

Amatora y’abashingamateka akaba ariyo ariko arategurwa, ku ncuro ya kabiri, ivyayavuyemwo bikaba bizomenyeshwa kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2016.

Faustin-Archange Touadéra yavukiye i Bangui mu gisagara ca Centrafrique, mu 1957. Yabaye umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika ku butegetsi bwa François Bozizé kuva mu mwaka w’2008 gushika mu 2013.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.