IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique: Abantu 30 nibo bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Centrafrique: Abantu 30 nibo bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

mercredi 30 Kigarama 2015

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Centrafrique bari mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayo abashingamateka kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015.

Abantu mirongo itatu nibo bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Muri abo bitoza batatu nibo baboneka ko bashobora gutahukana intsinzi nabo ni Martin Ziguele na Anicet Dologuele, bigeze kuba abashikiranganji ba mbere ku ntwaro ya prezida Ange-Felix Patasse hamwe na Karim Meckassoua, ni umu islam yigeze kuba umushikiranganji ku ntwaro ya Francois Bozize .

Abashinzwe umutekano b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, nibo bacungereye ayo matora yari amaze kwigizwa inyuma incuro nyinshi,biteze ko hashobora gusubira kwaduka umutekano muke nk’uko vyagenze ku musi w’amatora yo kwemeza canke guhakana ko ayo matora yoba haraheze indwi zitatu.

Abakurikiranira ibintu hafi bavuga ko hashobora kuba amatora agira kabiri mu mpera z’ukwezi kwa mbere.

Muri ayo matora vyitezwe ko hatorwa kandi abashingamateka 105.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.