Centrafrique : Faustin Archange Touadéra aza imbere ku biharuro mfatakibanza

Yanditswe na IGIHE
Kuya 3 janvier 2016 saa 02:52
Yasomwe : 11862
0 0

Ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ca Centrafrika vyerekana ko Faustin Archange Touadéra ariwe aza imbere y’abandi 30 bariko barahiganwa.
Mu kiganiro umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora Julius Ngouadé Baba yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Nzero 2016,yamenyesheje ko ibice 645 vy’amajwi yaharuwe mu gisagara ca Bangui vyerekana ko Faustin Archange ariwe aza imbere.
Touadéra yabaye umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya François Bozizé (...)

Ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ca Centrafrika vyerekana ko Faustin Archange Touadéra ariwe aza imbere y’abandi 30 bariko barahiganwa.

Mu kiganiro umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora Julius Ngouadé Baba yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Nzero 2016,yamenyesheje ko ibice 645 vy’amajwi yaharuwe mu gisagara ca Bangui vyerekana ko Faustin Archange ariwe aza imbere.

Touadéra yabaye umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya François Bozizé afise amajwi 30.999,agakurikirwa na Anicet Georges Dologuélé afise amajwi 28162,agakurikirwa kandi na Désiré Kolingba afise amajwi 25.057.

Abanyagihugu bo mu gihugu ca centrafrica bitavye amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015. Ayo matora afise intumbero yo gukura igihugu mu bihe vy’umutekano muke kimazemwo imyaka itatu,kuva umukuru w’igihugu Francois Bozize akuwe ku butegetsi.

Mu minsi mike iri imbere niho hazomenyekana uwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri 30 bitoje muri ico kibanza.


Kumenyekanisha

1
KWITONDA 4-01-2016 à 10:09

TWARAHEJEJE MUBURUNDI

2
karorero 3-01-2016 à 17:16

Ibinatwenivyotwifuzamuburundi

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha