IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazzaville: Abanyagihugu bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza (...)

Congo Brazzaville: Abanyagihugu bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu

lundi 28 Nyakanga 2015

Abanyagihugu barenga ibihumbi bagize imyiyerekano biyamiriza ko umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville Denis Sasso Ngwezo asubira kwitoza kurongora igihugu mu mwaka uza w’2016.

Iyo myiyerekano yabaye kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015 hagati ku murwa mukuru.Abitavye imyiyerekano bari abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi FROCAD na UDC.

Abitavye iyo myiyerekano bagenda bavuga amajambo yo kwiyamiriza ihonyangwa ry’ibwirizwa nshingiro,biyamiriza kandi ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Denis Sassou Ngwesso n’itunganywa ry’amatora yo kwemeza canke guhakana ko yosubira kwitoza.

Denis Sassou Ngwesso w’imyaka 72 y’amavuko,amaze imyaka irenga 30 ku butegetsi,ibwirizwa nshingiro rikaba ritamwemerera gusubira kwitoza kuko rivuga ko ata mukuru w’igihugu arenza ibiringo bibiri,kandi akaba ata mukuru w’igihugu arekuriwe gutwara igihugu arenza imyaka 70 y’amavuko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.