Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo-Brazzaville : Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora
Congo-Brazzaville : Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora
jeudi 24 Ntwarante 2016, par
Inyuma y’uguhindura ibwirizwa shingiro kugira asubire kwitoza, Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu wa Congo-Brazzaville.
Denis Sassou Nguesso yaronse amajwi 60 kw’ijana, mu gihe uwamukurikiye hafi ariwe Guy-Brice Parfait Kolelas yatahukanye ibice 15 kw’ijana, nk’uko vyamenyeshejwe na Raymand Mboulou, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri Congo-Brazzaville.
- Denis Sassou Nguesso yaronse amajwi 60 kw’ijana
Abatavuga rumwe na Reta ya Congo-Brazzaville bamenyesheje ko ayo matora yaranzwemwo ubusuma bwinshi cane, hamwe n’utunenge twinshi twatumye ayo matora atabera ku mugaragaro. Aho bavuga nk’ihagarikwa kw’ihanahana ry’amakuru mu gihe c’amatora, ata kindi ryari rigamije atari ukubuza abahagarikizi b’amatora gukurikirana uko ariko aragenda mu gihugu cose.
Imbere y’amatora, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Raymand Mboulou yatanze itegeko ku mashirahamwe y’amaterefone ry’uguhagarika itumatumanako, ubutumwa bugufi hamwe n’ukwugara imihora ya internet yose.
IGIHE
Messages
24 Ntwarante 2016, 16:00, par JP
Kaguta, Sassou Nguesso et bientôt Kabila et Kagame, ariko vyashika kuri Nkurunziza umucanwa ukadomekwa, kuki ????