Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo-Brazzaville : Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo-Brazzaville : Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora

Congo-Brazzaville : Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora

jeudi 24 Ntwarante 2016, par egide

Inyuma y’uguhindura ibwirizwa shingiro kugira asubire kwitoza, Denis Sassou Nguesso yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu wa Congo-Brazzaville.

Denis Sassou Nguesso yaronse amajwi 60 kw’ijana, mu gihe uwamukurikiye hafi ariwe Guy-Brice Parfait Kolelas yatahukanye ibice 15 kw’ijana, nk’uko vyamenyeshejwe na Raymand Mboulou, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri Congo-Brazzaville.

JPEG - 39.8 ko
Denis Sassou Nguesso yaronse amajwi 60 kw’ijana

Abatavuga rumwe na Reta ya Congo-Brazzaville bamenyesheje ko ayo matora yaranzwemwo ubusuma bwinshi cane, hamwe n’utunenge twinshi twatumye ayo matora atabera ku mugaragaro. Aho bavuga nk’ihagarikwa kw’ihanahana ry’amakuru mu gihe c’amatora, ata kindi ryari rigamije atari ukubuza abahagarikizi b’amatora gukurikirana uko ariko aragenda mu gihugu cose.

Imbere y’amatora, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Raymand Mboulou yatanze itegeko ku mashirahamwe y’amaterefone ry’uguhagarika itumatumanako, ubutumwa bugufi hamwe n’ukwugara imihora ya internet yose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.