IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazzaville : Général Mokoko yatawe muri yompi

Congo Brazzaville : Général Mokoko yatawe muri yompi

mercredi 15 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Inzego z’umutekano muri Congo Brazaville zatangaje ko zaraye zitaye muri yompi Général Jean-Marie Michel Mokoko yigeze kuba umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Congo Brazaville kuva mu mwaka w’1987 kugera mu 1993, akaba aherutse gutsindwa mu matora yari ahanganyemwo n’umukuru w’igihugu Denis Sassou Nguesso mu kwezi kwa Ntwarante 2016.

Uwunganira mu mategeko Général Mokoko amenyesha ko Général Mokoko yatawe muri yompi yagirizwa ko ariko ategura guhirika ubutegetsi bwa Sassou Nguesso, afadikanije n’umwe mu bagize igendereza ry’Ubufaransa, mu mashusho yafashwe mu mwaka w’2007.

JPEG - 46.4 ko
Général Jean-Marie Michel Mokoko yigeze kuba umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Congo Brazaville

Yvon Eric Ibouanga afasha kuburana Général Mokoko yagize ati : "Yatawe muri yompi n’inzego z’umutekano kugira ahatwe ibibazo."

Abakurikiraniye hafi ivy’itabwa muri yompi rya Général Mokoko bavuze ko yajanwe arinzwe bikomeye n’abaporisi benshi.

Mu matora yabaye muri ico gihugu, Général Mokoko yatahukanye amajwi 14 kw’ijana, nayo Sassou Nguesso atsinda ku majwi 60 kw’ijana, n’aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko habayemwo ubusuma.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.