Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Congo Brazzaville : Ibwirizwa shingiro rigiye guhindurwa
Yanditswe taliki ya 28-10-2015 - isaha 09:15' na IGIHE

Umurwi ujejwe amatora muri Congo Brazzaville umenyesha ko mu matora ya kamarampaka abanyagihugu bagera ku bice 92 batoye ko ibwirizwa shingiro rihindurwa.

Ukwo guhindura iryo bwirizwa shingiro bizoha akaryo umukuru w’igihugu Sassou Nguesso ko kwitoza ubugira gatatu, mu gihe mu bisanzwe atari yemerewe kurenza ibiringo bibiri.

N’aho mu murwi utegura amatora bemeza ko abanyagihugu bitavye amatora ku bice birenga mirongo indwi kw’ijana, abatavuga rumwe na Reta ntibavyemera.

Mu gihe bokwisunga ibwirizwa shingiro rihari ubu, umukuru w’igihugu Denis Sassou Nguesso ntiyemerewe gusubira kwitoza kuko arenza imyaka mirongo ndwi y’amavuka, akaba kandi akwije ibiringo bibiri ku butegetsi.

Ivyiyumviro vyanyu

abategetsi b’uburundi barakwiy kuhakura icigwa !

2.11.2015 à 17:23
Elias

abategetsi b’uburundi barakwiy kuhakura icigwa !

2.11.2015 à 17:23
Elias

Nuko Atokwitoza Ubugigatatu

1er.11.2015 à 22:51
Ndayisenga Eric

Nuko Atokwitoza Ubugigatatu

1er.11.2015 à 22:50
Ndayisenga Eric

NIBA ABANYAGIHUGU BARITOYE NIBARIHINDURE TURINDIRE BABAZUNGU BAREKEREZ INKONDA TURABE AHOBAZOMENERA,NAKARE UTIYEMERA NTAWUKWEMERA KANDI AFRICA DUKENEYE ABAGABO GWESO NKA NKURUZIZA BIYEMERA

28.10.2015 à 17:57
INTAGOHEKA

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.