Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo : Umugambwe UPADS usaba umukuru w’igihugu kwubahiriza ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Umugambwe UPADS usaba umukuru w’igihugu kwubahiriza ibwirizwa (...)

Congo : Umugambwe UPADS usaba umukuru w’igihugu kwubahiriza ibwirizwa nshingiro

vendredi 19 Kigarama 2014

Umugambwe UPADS (Union Panafricaine pour la Démocratie Sociale) uza ubwa mbere muyitavuga rumwe na Reta ya Brazzaville, urasaba umukuru w’igihugu Denis Sassou N’Gwesso kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ryo kuwa 20 Nzero 2002.

Mu nama y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, Pascal T. Mbiala umunyamabanga w’uwo mugambwe yasavye ko umukuru w’igihugu yokwubahiriza ibwirizwa nshingiro. Ku bwiwe, kwubahiriza iryo bwirizwa ni nkenerwa kandi noneho amategeko arabimusaba, bikazonaboneka ko ari umushingantahe ashoboye kurengera inyungu ziwe. Pascal T. Mbiala arongera akavuga kandi ko iryo bwirizwa nyene bidashoboka ko risubizwa mu banyagihugu kugira risubirwemwo.

Mwomenya ko iryo bwirizwa nshingiro ryo mu 2002 riha uburenganzira umukuru w’igihugu bwo kurongora ibiringo bibiri gusa, kandi akaba atawurenza imyaka 70 y’amavuko ashobora kwitoza ku rwego rw’umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu Denis Sassou N’Gwesso aramutswa ico gihugu akaba yotowe irya kabiri kandi ari naryo rya nyuma, nk’uko amategeko abivuga. Ico kiringo ca kabiri c’imyaka indwi (7ans) kikaba kizorangira mu mpera z’umwaka w’2016.


Audace Nizigiyimana

Messages

  • Ni bamureke nawe nyene azoheza nabi azokwiruka nkakayabu iyaba aba president bo muri africa bafise imitima ntibokwizingiye kubutegetsi kuko benshi banka kuhava neza bakahava biruka bakinagizwa bakaja kuba impunzi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.