Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Umugambwe UPADS usaba umukuru w’igihugu kwubahiriza ibwirizwa (...)
Congo : Umugambwe UPADS usaba umukuru w’igihugu kwubahiriza ibwirizwa nshingiro
vendredi 19 Kigarama 2014
Umugambwe UPADS (Union Panafricaine pour la Démocratie Sociale) uza ubwa mbere muyitavuga rumwe na Reta ya Brazzaville, urasaba umukuru w’igihugu Denis Sassou N’Gwesso kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ryo kuwa 20 Nzero 2002.
Mu nama y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, Pascal T. Mbiala umunyamabanga w’uwo mugambwe yasavye ko umukuru w’igihugu yokwubahiriza ibwirizwa nshingiro. Ku bwiwe, kwubahiriza iryo bwirizwa ni nkenerwa kandi noneho amategeko arabimusaba, bikazonaboneka ko ari umushingantahe ashoboye kurengera inyungu ziwe. Pascal T. Mbiala arongera akavuga kandi ko iryo bwirizwa nyene bidashoboka ko risubizwa mu banyagihugu kugira risubirwemwo.
Mwomenya ko iryo bwirizwa nshingiro ryo mu 2002 riha uburenganzira umukuru w’igihugu bwo kurongora ibiringo bibiri gusa, kandi akaba atawurenza imyaka 70 y’amavuko ashobora kwitoza ku rwego rw’umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu Denis Sassou N’Gwesso aramutswa ico gihugu akaba yotowe irya kabiri kandi ari naryo rya nyuma, nk’uko amategeko abivuga. Ico kiringo ca kabiri c’imyaka indwi (7ans) kikaba kizorangira mu mpera z’umwaka w’2016.
Audace Nizigiyimana
Messages
19 Kigarama 2014, 19:58, par NDAVUGASIMVURA
Ni bamureke nawe nyene azoheza nabi azokwiruka nkakayabu iyaba aba president bo muri africa bafise imitima ntibokwizingiye kubutegetsi kuko benshi banka kuhava neza bakahava biruka bakinagizwa bakaja kuba impunzi.