IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Laurent Gbagbo ararenguka imbere ya sentare i La (...)

Cote d’Ivoire: Laurent Gbagbo ararenguka imbere ya sentare i La Haye

jeudi 28 Nzero 2016

Laurent Gbagbo yahoze arongoye igihugu ca Côte d’Ivoire n’uwahoye igisirikare Charles Blé Goudé bararenguka imbere ya sentare mpuzamakungu i La Haye mu Buholande,bagirizwa ivyaha bisinzikaza agateka ka zinamuntu vyabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka wa 2010.

Urwo rubanza rwari rutegekanijwe kuburanishwa mu mwaka uheze wa 2015,ariko kubera indwara ya Gbagbo, vyitezwe ko ruburanishwa kuri uno wa kane igenekerezo rya 28 Nzero 2016.

Laurent Gbagbo yagirizwa ubwicanyi bwahitanye abantu barenga 3000 mu kiringo c’amazi atanu, kubera indyane zabaye mu gihugu ca Côte d’Ivoire ,igihe yanka kuva ku butegetsi ahejeje gutsindwa na Alassane Ouattara mu mwaka wa 2010, nk’uko ikinyamakuru Le Figaro cabimenyesheje.

Laurent Gabgbo w’imyaka 70 yagirizwa kandi kugira uruhara mu bikorwa vyo guhohotera, gufata abagore n’abana ku nguvu n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zinamuntu vyakozwe akiri ku butegetsi.

Laurent Gbagbo yashikirijwe sentare mpuzamakungu y’I La Haye mu mwaka wa 2011.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.