IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’ivoire: Simone Gbagbo Yarengukishijwe n’Ubutungane

Côte d’ivoire: Simone Gbagbo Yarengukishijwe n’Ubutungane

mardi 10 Rusama 2016, par Jean De Dieu

Simone Gbagbo, umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze arongoye Côte d’ivoire ku wa mbere yararengutse imbere y’Ubutungane bwo mu gihugu ciwe.

Yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vyo kwibasira ikiremwa muntu yagirizwa ko yakoze muri Côte d’ivoire mu myaka y’ 2010-2011.

Ni mugihe kuwa mbere nyene ariho Laurent Gbagbo, bubakanye yaburanishwa ubugira kandi na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye mu bu Holande aho afungiwe ku vyaha nk’ivyo nyene.

Simone Gbagbo yagirizwa ivyaha yoba yarakoze mu ruhagarara rwadutse inyuma y’amatora yo mu 2010, inyuma yaho umugabo wiwe Laurent Gbagbo yari ku butegetsi na Alassane Ouattara bose bemeza ko batsinze amatora y’umukuru w’igihugu.

Urwo ruhagarara rwamaze amezi ane rwahitanye bantu bashika 3000. We n’umugabo wiwe baciye bahagarikwa hanyuma Ouattara ashirwa ku Butegetsi.

Abategetsi ba Côte d’ivoire baranse kwohereza Simone Gbagbo I La Haye ahari umugabo wiwe, bamenyesha ko ubutungane bw’ico gihugu bushobora kumucira urubanza.

Mugihe Simone Gbagbo yokwagirwa n’ivyo vyaha ashobora gufungwa ubuzima bwiwe bwose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.