Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire : Umuhinga wa ONU asaba irekurwa ry’agategekanyo rya Simone (...)
Cote d’Ivoire : Umuhinga wa ONU asaba irekurwa ry’agategekanyo rya Simone Gbagbo
jeudi 24 Gitugutu 2013
Uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire, Simone Gbagbo hamwe n’izindi mbohe za politike basabiwe kurekurwa vy’agategekanyo n’umuhinga mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira basubire batanguze ibiganiro mu gihugu.
« Kugirwa imbohe ntawe bitababaza mu buryo bw’umubiri. Na Simone Gbagbo vyaramukomerekeje mu buryo bugaragara, ku myaka ibiri ihaciye agizwe imbohe mu gihugu ciwe», ibivurwa na Doudou Diene, umuhinga yigenga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gihe yariko asigura ibijanye n’agateka ka zina muntu mu gihugu ca Cote d’Ivoire. Akaba yabivugiye agiye i Odienne, mu Buraruko bushira Uburengero bw’igihugu, aho Simone Gbagbo abohewe.

Doudou yavuze ko borekura vy’agategekanyo Simone n’abandi bafungiwe ivya politike, yisunze igikorwa cari cakozwe n’ubutungane bwo muri Cote d’Ivoire bwari bwarekuye vy’agategekanyo mu kwezi kwa Myandagaro abategetsi 14, harimwo n’umuhungu wa Laurent na Simone Gbagbo bagirizwa intureka yakurikiye amatora y’umwaka w’2010 ushira 2011. Akabona ko no ku bandi hokurikizwa iyo ngingo nyene. Kubwiwe, iyo ngingo yo kubarekura ivy’agategekanyo, izotuma hasubira kuba guhanahana ivyiyumviro muri politike kandi ko irekurwa ry’agategekanyo ritegerezwa gukurikizwa n’ubutungane ataho bwegamiye.
Mwokwibuka ko Simone Gbagbo yagirizwa n’ubutungane bw’igihugu ciwe ihonyabwoko ryakurikiye amatora igihe umugabo wiwe yari k’ubutegetsi. Akaba yafashwe n’umutahe wo guhagarikwa wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI), umwikekako ivyaha vy’agahoberabunwa. Igenekerezo rya 20 Nyakanga, Abidjan akaba ariho yatangaza ko itemeye ko yorungikwa i Lahe, kuko bashaka ko acirirwa urubanza mu gihugu ciwe Cote d’Ivoire nyene.
Simone Gbagbo yari yabohewe i Odienne inyuma y’intureka yo mu kwezi kwa Kigarama 2010 gushika Ndamukiza 2011, bivuye ko umugabo yamwankiye kwemera ko batsinzwe mu matora yo muri Munyonyo 2010, mu mahiganwa na Alassane Ouattara. Abahitwanye n’intambara ivuye kuri ayo matora bakaba abgera ku 3 000.
Mariella Bukuru