Accueil > Amakuru > Muri Afrika > CPI yunguruje urubanza rwa Uhuru Kenyatta
CPI yunguruje urubanza rwa Uhuru Kenyatta
vendredi 1er Munyonyo 2013
Urubanza rwa Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya rwaraye rwungurujwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI (Cour Pénale Internationale), rushirwa mu kwezi kwa Ruhuhuma, igenekerezo rya 5, umwaka w’2014.
Itangazo rivuga ivyo kwunguruza urubanza rwa Uhuru Kenyatta rikaba ryasohotse kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 31 Gitugutu 2013.
Muri iryo tangazo, bamenyesha ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yemeje ko abagiriza Uhuru Kenyatta n’abamuranira bahurije ku ciyumviro kimwe ko urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwokwunguruzwa.
Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, icegera ciwe William Ruto, n’umumenyeshamakuru Joshua Sang bakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ku bwicanyi bwagahoberabunwa bwakurikiye amatora y’umwaka w’2007 ushira umwaka w’2008, hamwe n’itotezwa ry’abanyagihu.

Egide Nduwimana