IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ban Ki-Moon aragendera ibihugu bisinzikajwe na Ebola

Ban Ki-Moon aragendera ibihugu bisinzikajwe na Ebola

jeudi 18 Kigarama 2014

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, yafashe urugendo rumushikana mu bihugu bine vyo muri Afrika y’ubuseruko vyakozweko cane n’indwara ya Ebola.

Ivyo bihugu bine navyo akaba ari Libéria, Guinée, Sierra Léone n’igihugu ca Mali. Ariko amagenekerezo azogendera ivyo bihugu ntaramenyekanye.
Ico kiza catanguye kuboneka mu bumanuko bw’igihugu ca Guinée mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2013, kikaba kimaze guhitana abantu 6900 ku bashika 18500 bamaze kugaragarako iyo ndwara, ni ukuvuga ibice 99 kw’ijana muri Libéria, Sierra Léone muri Guinée, nk’uko biri mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu OMS, kuwa 15 Kigarama.

Tubibutse ko amezi abiri aheze ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirungitse intumwa zidasanzwe mu gihugu ca Mali kugira baje gufasha mu kurwanya ico kiza ca Ebola, ibiro vy’izo ntumwa bikaba biri i Accra.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.