Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Aba Frères musulmans ntiborohewe
Egypte : Aba Frères musulmans ntiborohewe
dimanche 12 Ndamukiza 2015
Mohamed Badie umukuru w’aba Frères musulmans hamwe n’abandi 13 baciriwe urubanza rwo gupfa mu gihugu ca Egypte.
Abo bose, bakaba bagiriwe n’icaha co gushaka gutera akajagari mu gihugu hamwe no gutegura ibitero mu gihugu. Kuva aho Mohamed Morsi yahoze arongoye ico gihugu, abayoboke biwe bari muri abo biyita aba Frères musulmans, bakaba batorohewe, aho bamwe batunga agatoke ubutegetsi guturatuza abari mw’idini rya Islam.
Tukabibutsa ko ivyo bishitse, inyuma y’aho abagera kuri 34 bari baciriwe urubanza, bamwe bagakatirwa urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwabo bwose, abandi nabo, bagacibwa imyaka 25. Muri abo baheruka gucibwa gupfungwa ubuzima bwabo, harimwo Gehad Haddad yahoze avugira umuhari w’aba Frères musulmans. Bamwe rero iyo bapfungiwe, bakaba bari bafashe n’ingingo yo kwiyicisha kigoyi, mu gihe bagiriza Reta ko ikoresha igitsure ndetse n’ukubarenganya.
Aristide Nizigire
Messages
13 Ndamukiza 2015, 09:16, par Minani evariste
Abo bagabo bahanishijwe igihano kirenze bari gutuma babafunga uwo guherayo nayo kubica numuvumo kandi nivyiza kubahana kuko uravye ivyo bakoreye abo muri kenya ababikoze basangiye amarangamutima.