Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Ingoro y’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi yatewe
Gabon : Ingoro y’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi yatewe
jeudi 1er Nyakanga 2016, par
Abasirikare ba Gabon bateye ahari ingoro y’umugambwe wa Jean Ping, umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Ali Bongo. Iyo ngoro y’umugambwe ituriwe inyuma y’aho abayoboke ba Jean Ping bagirijwe ko bafise ibirwanisho, kandi ko aribo baturiye ingoro y’inama nshingamateka ya Gabon yaturiwe igatokombere mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu.
Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Gabon wamenyesheje ko Ali Bongo yatsindiye gutwara ico gihugu mu kindi kiringo kigira kabiri c’imyaka indwi, ku majwi 49.8% nayo Jean Ping aronka 48.2%.
Uwo aserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Jean Ping, arahakana ivyo biharuro, akavuga ko ariwe yatsinze amatora, ahubwo ko uwo murwi utegura amatora watanze ibiharuro bitarivyo.
Abamuyoboka baciye bihereza amabaraba, batana mu mitwe n’abaporisi, baturira inama nshingamateka y’ico gihugu, ingoro yabo nabo ikaba yaturiwe.
Jean Ping atavuga rumwe na Ali Bongo yasavye amakungu ko yofasha kugira abanyagihugu bakingirwe, n’igikorwa c’uguharura amajwi yavuye mu matora gisubirwemwo.
Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ishurahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, basavye ko amajwi yavuye mu matora ashirwa ahabona ku ntara ku ntara, aho ni mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yasavye ko umutekano ugaruka muri ico gihugu.
IGIHE
Messages
1er Nyakanga 2016, 19:34, par Kizito Rusake
Nibabarek Kubakurikirana
1er Nyakanga 2016, 19:37, par Ndihokubwayo J.Piere
Nibabareke
1er Nyakanga 2016, 20:53, par King Hause
Bongo Nahaguruke Akubite Mujeri Nkanyenicubahiro Petero Nkurunziza
2 Nyakanga 2016, 10:18, par OMARI
MANA TABARA AFRICA KUKO TURAGERAMIWE NIZO DYARYA NGO NABAPRESIDENT.TABARA NYAGASANI