Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabon : Ingoro y’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi yatewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Ingoro y’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi yatewe

Gabon : Ingoro y’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi yatewe

jeudi 1er Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare ba Gabon bateye ahari ingoro y’umugambwe wa Jean Ping, umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Ali Bongo. Iyo ngoro y’umugambwe ituriwe inyuma y’aho abayoboke ba Jean Ping bagirijwe ko bafise ibirwanisho, kandi ko aribo baturiye ingoro y’inama nshingamateka ya Gabon yaturiwe igatokombere mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Gabon wamenyesheje ko Ali Bongo yatsindiye gutwara ico gihugu mu kindi kiringo kigira kabiri c’imyaka indwi, ku majwi 49.8% nayo Jean Ping aronka 48.2%.

Uwo aserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Jean Ping, arahakana ivyo biharuro, akavuga ko ariwe yatsinze amatora, ahubwo ko uwo murwi utegura amatora watanze ibiharuro bitarivyo.

Abamuyoboka baciye bihereza amabaraba, batana mu mitwe n’abaporisi, baturira inama nshingamateka y’ico gihugu, ingoro yabo nabo ikaba yaturiwe.

Jean Ping atavuga rumwe na Ali Bongo yasavye amakungu ko yofasha kugira abanyagihugu bakingirwe, n’igikorwa c’uguharura amajwi yavuye mu matora gisubirwemwo.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ishurahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, basavye ko amajwi yavuye mu matora ashirwa ahabona ku ntara ku ntara, aho ni mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon yasavye ko umutekano ugaruka muri ico gihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.