Gabon : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi basavye ko amajwi asubirwamwo guharurwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 31 Myandagaro 2016 saa 04:21
Yasomwe : 11970
0 0

Abanyagihugu bo muri Gabon baracarindiriye ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora ushikiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba.
Muri ukwo kurindira, umugambwe utavuga rumwe na Reta wasavye ko amajwi yosubira guharurwa, bivuye ku nkuru zitaremezwa neza zivuga ko umukuru w’igihugu Ali Bongo yoba yatsinze, nk’uko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.
Uruhande rwa Jean Ping rwanse ibiharuro bitangwa ko ibice 99.9 aribo batoye mu ntara ya Haut Ogooue, nk’uko (...)

Abanyagihugu bo muri Gabon baracarindiriye ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora ushikiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba.

Muri ukwo kurindira, umugambwe utavuga rumwe na Reta wasavye ko amajwi yosubira guharurwa, bivuye ku nkuru zitaremezwa neza zivuga ko umukuru w’igihugu Ali Bongo yoba yatsinze, nk’uko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.

Uruhande rwa Jean Ping rwanse ibiharuro bitangwa ko ibice 99.9 aribo batoye mu ntara ya Haut Ogooue, nk’uko Reuters isubiramwo ivyavuzwe n’umuvugizi wiwe.

JPEG - 20.2 ko
Jean Ping, umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gabon

Ako gace ka Haut Ogooue kagwiriyemwo ubwoko bw’aba Teke bw’umukuru w’igihugu Bongo, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ribivuga.

Abarorerezi b’amatora b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya basavye igihugu ca Gabon kwerekana ivyavuye mu matora, banasaba ko umutekano w’abanyagihugu wokomezwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha